IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka y’Uburundi irashigikiye ihindurwa ry’ibwirizwa (...)

Inama nshingamateka y’Uburundi irashigikiye ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro

lundi 5 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije mw’iyugururwa ry’ivyo bikorwa, Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko inama nshingamateka ishigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, kugira rijane n’ivyipfuzo vy’Abarundi.

Pascal NYABENDA yashimiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka kugena abagize umurwi woshikiriza ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro. Yasavye abagize uwo murwi ko bokorera ku vyasabwe n’Abarundi.

JPEG - 45.3 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Umurwi ujejwe kwerekana ingingo zohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ugizwe n’abantu 15 bafise ikiringo c’amezi atandatu yo gukora, ayo mezi agashobora kwongerwako amezi abiri, ariko mu gihe babisavye indwi imwe gusa imbere y’uko ikiringo c’amezi atandatu bafise gihera.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.