IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yarihiye amafaranga abarwayi batishoboye

Inama nshingamateka yarihiye amafaranga abarwayi batishoboye

vendredi 2 mars 2018

Iyo nfashanyo yahawe abarwayi 38 bamwe bahora barwariye mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled mu Kamenge, hamwe n’abandi bahora barwariye mu bitaro Prince Regent Charles, muri zone ya Buyenzi, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha igisata co kumenyesha amakuru mu nama nshingamateka, amenyesha ko umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yatanguye gutanga imiriyoni zitatu mu bitaro Price Regent Charles,aca atanga n’ibitenge ku bakenyezi biboneka ko babikeneye.

Muri uwo mwanya, icegera ca mbere c’umukuru w’iana nshingamateka Agathon RWASA ari kumwe n’icegera ca kabiri Jocky Chantal NKURUNZIZA, bari mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled, aho batanze imiriyoni zitatu z’amarundi n’ibitenge kuri bantaho nikora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.