IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yasabwe kwemeza ko inzara ari ikiza mu Burundi

Inama nshingamateka yasabwe kwemeza ko inzara ari ikiza mu Burundi

mercredi 8 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yasavye inama nshingamateka y’Uburundi ko yokwemeza ko inzara hamwe n’ingwara ya marariya vyabaye ikiza mu Burundi.

Mw’ikete yandikiye umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Gabriel RUFYIRI yashikirije ko ibimenyetso bitari bike vyerekana ko inzara ari ikiza mu Burundi, n’abafasha Uburundi babwirwe ko igihugu gikeneye imfashanyo zihutirwa. Gabriel Rufyiri aranegura ko abarongoye Uburundi batemeza ku mugaragaro ko abanyagihugu bishwe na kigoyi, agashima ariko ingingo ziriko zirafatwa na Reta y’Uburundi mu ntumbero y’ukurwanya iyo nzara. Aho twobibutsa ko Reta y’Uburundi iheruka gukura amakori ku bifungurwa vya nkenerwa biva hanze y’Uburundi, ivyatumye ibiciro vy’umuceri n’ibiharage bigabanuka.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA aheruka kumenyesha ko mu bijanye n’inzara, mu Burundi bikigendeka kuko gushika ubu ata murundi n’umwe aricwa n’inzara, agereranije n’ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika bisinzikaye. Yabwiye Abarundi ko bari bakwiye gushima imana gusumba.


IGIHE

Messages

  • Yego data wanje ntawuricwa ninzara none arindiriye duhone!!!erega izara gukwega nibindi biza naho itoba ariyo itwishe

  • Abatabona ko Inzara Ihanze Uburundi Bivugira Ivyobishakiye,umva Ngirandababwireko Abamazegupfan’inzara Nibeshi Kuko Ahubwo Nibadufashe Ahandiho Turapfa Ntakibuza? Mwaribwabone Nkibi Bihari ubu ,umva: 1kg kibiharage(harico) ni 1500f.1kg Cumuceri (riz) Ni 2000f. Ifuyumwumbati 1KG NI 1500f#leta ntacibivugako kuko kwivyobiciro nikebuke tureke kwicwa ninzara.

  • Mureke yivugire uko yishakiye nuko wenumugore wiwe Deniza barara bariye, nico gituma yivugirukoyingombeye!.

  • None Uryamuda Wa Nkurunziza,nahatosubira Kuryasanzwe Yarahaze,kira Noneho Kumusi Aryamahera Yoriyumuriyoni Wabantu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.