IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yasabiwe kandi kwunguruzwa

Inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yasabiwe kandi kwunguruzwa

jeudi 27 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Kenya casavye ko inama igira iya 18 y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko yobaye kw’igenekerezo rya 10 Rusama yoshirwa kuwa 20 Rusama 2017. Ubuserukizi bwa Afrika y’ubuseruko ntiburamenyesha namba iyo nama igiye guhindurirwa isango kandi.

Muri iyo nama y’abakuru v’ibihugu vya Afrika c’ubuseruko, ikibazo c’Uburundi niho kizokwigirwa, Reta y’Uburundi nayo ikaba yaramaze kumenyesha ko izokwitaba iyo nama, nk’uko vyemejwe na Ambassadeur Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ajejwe ibibazo vy’ukumenyesha amakuru.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu iriko itegurwa inyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi biheruka navyo nyene kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ibiro vy’umuhuza MKAPA bikaba vyavuze ko hari inzitizi zituma ivyo biganiro bitabandanya neza. Umuhuza yasavye ko vuba hokorana inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira batange ivyiyumviro vy’icokorwa.

Tubibutse ko umuhuza Benjamin William MKAPA yamenyesheje ko yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi (Juin) uwu mwaka w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Nti bitangaje let wait and see

  • Twe turashaka ko iba muri
    2018

  • inama isumba ingimba. ntayindi nzira kandi vyoba vyiza munyarukije gushikira umwumvikano

  • Inama Nibe Abakoze Kudeta Bafatwe Bacirigwe Imanza

  • Ahubwo bateuwebej iyonama kuk iitagenda neza nivyishi kubr abanyepolitike badahuza.abobakuru b’ibihugu nibafate ingingo yokurengutsa abafise icobagirizwa,umwe wes ahoyipfuza kwumvirizwa,uwezwa yere,uwagigwa ahanwe.

  • Turasaba Mwokumvikana Ibishoboka Uburundi Bukaronka Amahoro Impunzizigataha Mugihugu C’amavuko C’amahoro Kubera Igihugucuburundi Cishwenimbonerakure.

  • Wamuntu winyegeje azaza yemwe

  • Reta n’abo batavuga rumwe bokwicara hamwe bagatorera umuti ingorane uburundi bufise hanyuma tukibera mw’iparadiz0.

  • Uwaheze mubunyegero azagaragara Noneho ?

  • Haribintu bitangaje cane !! Iyi East africa ntakintu izovamwo nitahindura imikorere yayo -akarorero umubano mubi hagati yuburundi nugwanda barawubona kandi nabanyamuryango bayo,ariko abakoze coup deta barimurivyobihugu nyene batembera atacobinona.nonemwumva ijamborizobavamwo aririhe???bava murwanda baja uganda bava Uganda baja Kenya atangorane kandibose bariyemerera ivyobakoze ,nahobanyera bakoreramanama murivyobihugu habahazwi nonemwumva iyonama twoyitegamwo ikigishasha?? Bizoheramumagambogusa arikokandi bizosiga East africa ibonetseko atacimaze muvyumubano kandibizoyizanira gusambuka mugihe kitazwi kirimbere.nimba igihugu gishobora kubika abasi bikindi umubano woburihehe? Bifise ikivyihishe inyuma nkagakingirizo imvugo itajanye nibikorwa .abafise icobitezerero mwihangane sikinini kizovamwo kuko nabubwabo birabagoye ntibiyizeye muvyobakora,arikotwibukeko uhishumurozi munzu bwaca akakumarira abawe .abarundi duhangamaso mwijuru niho hari kudahindagurika -ubwoba muraboba presida nokutemerana ntangingo bazobifatana ,rekotubitegamaso

  • KUBERIKI ABAVUGWAKO UBUGIZI BWANABI MURWANDA BARONDEWE NIBIHUGU BITARARI BIKE. ABO MUBURUNDI NABO NTIGAGIRE UBARONDERA KANDI UEURUNDI BWARABISAVYE . MTEBWE MUSERUKIR’UBURUND MWIYUMVIRA IKI? NDABAHAYE UMUKENYURO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.