IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama y’umutekano ya ONU igiye gukorana ku kibazo c’Uburundi

Inama y’umutekano ya ONU igiye gukorana ku kibazo c’Uburundi

jeudi 2 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko tubikura mu bitegekanijwe gukorwa mu minsi iza, inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izokorana kw’igenekerezo rya 9 Ntwarante 2017, ikaba izoba iriko yiga ikibazo c’Uburundi.

Iyo nama izoba mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yamenyesheje ko adashigikiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ku cipfuzo ciwe co kwiyamamariza ikiringo ca kane, akavuga ko vyogira ingaruka zikomeye ku mvururu zibandanya kwibonekeza mu Burundi.

Mu cegeranyo ca ONU, Guterres yiyamirije amajambo aheruka gushikirizwa n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amaze imyaka 12 ku butegetsi, aho yagaragaje ko afise icipfuzo c’ugusubira kwitoza, abanje guhindura ibwirizwa shingiro.

Ico cegeranyo Guterres yarungikiye akanama gashinzwe umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yamenyesheje ko mu gihe Petero NKURUNZIZA yosubira kwitoza vyosubiza inyuma inzira y’ukurondera amahoro yatanguye hagati y’impande zitavuga rumwe mu Burundi. Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yagarutse kandi ku ngingo Uburundi bwafashe y’ukwanka irungikwa ry’abasirikare mvamakungu boza guhagararira amahoro.

Uburundi bumenyesha ko bitangaje kubona umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ku gusubira kwitoza kwa NKURUNZIZA mu 2020, mu gihe hari abandi bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika benshi biyamamaje ibiringo vyabo vya kane, gatanu, gatandatu, indwi, ariko ntihagire ikibavugwako.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bakaba baheruka kumenyesha ko hatari bwagere ko ico kibazo gitera impari, kuko n’umugambwe CNDD FDD ukomokamwo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bataramenyesha ko bazomutanga kugira abe ariwe aserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu.

IGIHE

Messages

  • ONU yoreka kwisuka muvyo uburundi,abarundi ubwabo bazobishobora.

  • Vyiza cane,ONU bandanya mudufyondera Peter Nkurumbi n’akarwi kiwe,fimbo chapa ya propre kabisa,bravo l’union europeene et l’ONU

  • Ndanezerewe cane,Umunyamabanga mukuru wa ONU Mr Guttieress ndabona ari tayali gukora mu nkokora imigambi yose ya Peter Nurunziza na DD yose, bandanyiriza ngaho ONU mukubita imbunuza

  • ivyo,onuivuganivyonarekenacndibategeke.bakosoreivyobaBonyebitagenzenezaKumyakayoseIhezeAtegeka.imyakacumiyamazekubutegetsi.yabikozeneza.abanabigakubuntu.abagorebavyarakubuntu.mugaboibyontivyaribihagije,ntamahoroyigezeabonekaNkayomurwanda.abantubagumyebapfa.naveho

  • Nkurunziza nakurikize amategeko arabire akarorero kuri Tanzaniya areke kurabira akarorero ku bihugu ata mategeko vyasigne, kandi niyaba yipfuza amahoro y’ igihugu nayubundi azoba atwara igihugu mu manga kandi nawe nyene imanga ashobora kurwa muriyo. Induru ihari ntirahera mu Burundi kugire atere iyindi nduru ubu.

  • Nibareke twebwe abarundi turashoboye imana niyonkuru

  • Nibatureke Ako Nakarenganyo !

  • Yooo!Ivyomuburundi Birahenze Mbe tuzovug’ukuri Ryari?Mwibuko Mufise Benewanyu.Kuki Amategeko Y’uburundi Atubahirizwa?Canke Muri CNDD- FDD Ntabandi Bashoy’igihugu Kandi Bavyipfuza?Umukuru W’igihugu Ntiyarakwiye Gusubira Kwitoza Kuko Ubusinziko Bazobimwemerera Kuko Ntacitwazo!

  • nkurunziza si onu imubuza kwitoza 2020 nabanyagihugu biburundi bazomuhagarika mugabe kwatarahagarikwa museveni kwatarahagarikwa kagame kobatamuhagaritse ngontahindure ibwirizwa shingiro ry ugwana

  • Uwo muntu yavuze ngo harimvururu zibandanya kwibonekeza mu Burundi yotubwira intara nimwe iherutse kubamwo imvururu?

  • Ivyo uburundi nabarundi basboye bokwereka na bandi hadya nibiki.?

  • biratangaje kumva ko umukuru wigihugu atosubira kwitoza niyitoze twebwe abarundi tuzomenya uwo twitorera kuko umukuru wigihugu atorwa nabenegihugu nibitagenduko twebwe abenegihugu tubadutamitswe ijambo kunguvu ntidushaka rero turashoboye uwotuzitorera tuzoraba uwudufitiye imigambi myiza conyene gusa

  • Turashima Inama zikorana za ONU, zamazakoranye kukibazo Cuburundi, tuboneraho kubasaba, kurizo tariki 9 bazofate ingingo zikomeye kuruyumubisha yahoneje abenigihugu!. Nayicegeranyo cashikirijwe na Guterres nicukuri, kuko intumbero ya Nkurunziza petero nuguhindura ibwirizwa nshingiro kugira bizomworohere kuguma kubutegetsi. Ati kuki ? yarabonye ikikiringo 3 yihagiye uburyo camugejeje ahumwasi wiwe shetani yahisemwo gukorera, abishima nicogituma urya mugwi wiyitirira ibiganiro bihuza abarundi hagati mugihugu, uriko urakora hejuru nahasi kugira wumvishe abanyagihugu ibijanye nuguhindura ibwirizwa nshingiro. Rero urya numugambi wa CNDD FDD na Nkurunziza petero, kubwivyo nkaboneraho nugutera ivyatsi uwomugambi ugayitse wuturwi twahisemwo guta mukaga uburundi, kugirango bashike kuvyobifuza. Barundi bumutima mwirinde abobantu baza bambaye urushato rwintama imbere aramabingira yinkazi, mubanubwenge nkinzoka. ngejejeho ivyirirwa birakorwa nabobabisha ngonabategetsi murabibona,abakera nibobayamaze ngo icerekwa nikibona.

  • Mbega Uharuye Aho Intu Bigeze Ubu Ubona Uburundi Bwishoboje Iki?Ahubwo Nibavire Hasi Rimwe Bahagurukire Ikibazo C’Uburundi,nahandi Hoho Bizotugora.

  • MBEGA ONUKOYISUKAMUVYUBURUNDICANE NIBIKI?NIBAMUREKEYITWARIRE KUKO ARABIKWIYE. MBEGAKOBACABAVUGAMENSHI UPRONAYATWAY IMYAK INGAHE. AHUBWO NIBATUZANIR IBWIRIZWASHINGIROTURYEMEZE AZOKWITOZE NKINCUROMIRONGIBIRI.NTIBAMUSARIREKO NINTWARIDATINY URUKAMVYE.

  • Uravye Agahitiye Muburundi Kubera Ikiringo Cagatatu Jew Mbonako Icikiringo C,akane Coco Cozotuma Ibintu Biyangara Nibindi Ntibirahera Non Bangereko Ibindi Kandi Umunt Yihweje Abarundi Bapfuy Bazira Ivyonyene Vyibiringo Uwovugako Hoba Ikiringo Cakane We Yobagomba Ko Uburundi Tubuta Guko Ndaziko Hozokwaduka Ubwicanyi Busumb Ubwo Muri 2016

  • iconovuga nuke petero NKURUNZIZA yokumvikan a Nabainyagihugu Kandi Akumvikana Nabandi ba Kuru Bibindi Bihugu tukaronka amahoro mugihugu cacu imigumuko igahera% murakoz yari kwizera pasikaz,%%*;

  • Uwavuzeko Hari Abiyamamariza Ibiringo7 Jew Nibazako Ahakuru Aramasezerano Ndibazako Atahovyanditswe Mumasezerano Yabarundi,ko Haruwuzorenza Ibiringo Bibiri2 Uwoshgikira Ibiringo Birenga Bibiri Yoba Urumwasi W,abarundi N,uburundi

  • Nukurinturarushe.imana nitabareuburundi?

  • Nukuriturarusheimananitabareubundi?

  • icotwokora.dunsengere abakurubahuze.ataruko,turagowe.2020ha!!

  • ariko jew abazungu barantwenza.iyo ni Nickel yacu gusa iguma ibaca umutima!!!ni bahebe vyarabatay kuwamazi.!!ngo mama ibiringo vy’umukuru w’igihugu!!ngo genocide navyandagutakiye vyose...!!ibindi bihugu birafis uburenganzira bwo guhindura ibwirizwashingiro.uburundi bwobwo kubera iki ndabapfinze?abarundi dushats guhindura ibwirizwashingiro abazungu bamwebamw baca barwara imitima bakavyamirira kure.kubera iki?ntakindi kiriko kirasubiza uburundi inyuma atari ukuboko kw’umuzungu yishakira gusahura amatungo y’igihugu c’uburundi.iyo politike yabo y’urudandaza twarayihinyuy.ntakintu kiriko kiratuma ONU ihagurukira uburundi atari itunga uburundi bwifitiy iriza imbere ni NICKEL.nibareke rero guhenda amakungu ntabindi

  • INGORANE YIBIBAZO SINGUVU ZA ONU KANDI SAKANYARO AHUBWO NUMUTI WIBIGANIRO MAZE BAKICARANA BAKAGANIRA ,NAKARE IGIHUGU NICATWESE NTAHO TUROSHIRINA

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.