Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Inama ya EALA yatanguye abashingamateka baserukira Uburundi (...)
Inama ya EALA yatanguye abashingamateka baserukira Uburundi badakwiye
lundi 6 Ntwarante 2017, par
Ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko vyatanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 6 Ntwarante gushika kurya 17 uku kwezi nyene, mu gisagara ca Kigali, mu gihugu c’Urwanda. Abashingamateka batanu b’Abarundi bari bamenyesheje ko batazokwitaba ivyo bikorwa siho bari, ku mvo z’umutekano wabo bavuze ko batizeye mu Rwanda.
Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko baheruka kubwira uwo atwara iyo nama ko batazokwitaba ibikorwa vyayo bitegekanijwe kubera mu Rwanda. Abo bashingamateka bavuga ko umutekano wabo utoba wubahirijwe kubera imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza.
Abo bashingamateka batanu bose ni abo mu mugambwe CNDD FDD. Abo nabo ni : Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.
Ijambo ry’ukwugurura ivyo bikorwa ryashikirijwe na Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Urwanda, aho yamenyesheje ko akarere ka Afrika y’ubuseruko kaboneka nk’akariko karatera imbere cane, ari naco gituma ibihugu bigize ako karere bitegerezwa gukora ivyo bishinzwe.
Yagize ati : “Dukeneye umuryango ukora neza akazi kawo. Afurika ikeneye kuvuga rumwe, ikagira ijwi rimwe kandi ryubashwe mu ruhando rw’abatuye isi. Amavugurura yemeranyijweho azatuma tubasha kugera kuri iyo ntego naramuka ashyizwe mu bikorwa nta gukererwa. Gusa haba ku rwego rw’umugabane cyangwa rw’akarere, intego yacu ntiyagerwaho tudakoreye hamwe, tukaguma mu kwihugiraho mu bidutanya, tugaha umwanya izindi nyungu aho kwita ku neza ya twese, nk’uko dukomeza kubibona hamwe na hamwe.”
- Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Urwanda
Muri ukwo gukorera hamwe kw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, umukuru w’igihugu Paul KAGAME yagize ati : “Mu gukorera hamwe hashobora kuba ibidatunganye, ariko gukorana ni byo bidufitiye akamaro twese. Iyo dukoze dutatanije amaboko aho gukorera hamwe, twese ntawe ubyungukiramo. Rero mureke duhe imbaraga inzego zinyuranye bityo zikore neza akazi zishinzwe zidufashe gutera imbere."
Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, mw’ijambo yashikirije, yashimiye ubuyobozi bwakiriye ibikorwa vy’iyo nama, avuga ko igihe kigeze ko ishirahamwe EAC ryungukira mu bushobozi n’ubwenge rifise, mu guhangana n’ibibazo rihura navyo.
- Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA)
IGIHE
Messages
6 Ntwarante 2017, 17:11, par Nkurumbi
Tera imbere nayo twebwe abarundi twaragowe,imbunuza za bayobozi bacu ziri mukirundo gutera amavoka.
6 Ntwarante 2017, 17:50, par Leo
Abarundi n’Abanyarwanda turi abavandimwe,amateka yacu araduhuza.Reka tubagarire ikiduhuza,twamagane ibidutanya.Amahoro abe ku batuye ibihugu byombi.
6 Ntwarante 2017, 19:38, par Musa Gerevazi
None Ico Abo Bashingamateka Biyotsa Ntimukizi Bataye Akagozi Mwizosi Ababatoye Ninzara Abarundi Barimwo
7 Ntwarante 2017, 02:54, par Sisi
Wewe Nkurumbi@,
Ni wewe ugowe wenyene uriko uriyaturirako imivumo, wopfuma uhora hakuvuga nabi.
7 Ntwarante 2017, 08:24, par mob
wenda abo ba DD basize bakoze genocide mu Rwanda batinye inzego zumutekano
7 Ntwarante 2017, 08:28, par mob
ABO BA DD BASIGAYE BIFASHE MAPFUBYI BABUZE UMUVYEYI WABO JUVENAL HABYARIMANA haaaaa,ntibizoroha
7 Ntwarante 2017, 08:44, par copy
Abo none batinye iki, ko Umurongozi wa EAC Mfumukeko Liberat yayitabiriye si umurundi! ntibitomoye ivyabo bagabo bikura mu bandi.
8 Ntwarante 2017, 17:29, par laban niyukuri
nshasa kumvyumva