IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga itangura kuri uwu wa (...)

Indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga itangura kuri uwu wa mbere

lundi 31 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Japhet Legentil NDAYISHIMIYE aserukira Abarundi bitavye ibikorwa vy’iyo ndwi avuga ko ibiganiro vyateguwe bivugwamwo ibijanye n’iterambere rizanwa mu Burundi n’Abarundi baba mu mahanga.

"Bazokwerekana ibintu bitandukanye mu bikorwa bitandukanye barangurira mu Burundi, ibikorwa vya kijambere, ubworozi, abazana amazi meza, n’ibindi."

JPEG - 53.4 ko
Japhet Legentil NDAYISHIMIYE, aserukira Abarundi baba mu mahanga

Nk’uko bishikirizwa na Japhet Legentil NDAYISHIMIYE, abatumiwe muri iyo ndwi ni Abarundi bose baba hanze y’igihugu cabo.

Ibirori vy’ukwugurura iyo ndwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga biba ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, mu Kigobe, kw’ishure rya Centre de Formation Professionnelle.

Abarundi baba mu mahanga bitavye iyo ndwi basaba Reta y’Uburundi ko yoshiraho itegeko rishigikira ibikorwa Abarundi baba mu mahanga barangura mu Burundi.

Japhet Legentil NDAYISHIMIYE agira ati : "Tubandanije dukora tutagira ivyo twisunga, ni nk’uko umuntu yoba ariko aragenda mu bugararwa. Dusaba ko Reta hamwe n’ubushikiranganji dukukira bobandanya bakora kugira iryo tegeko ryemezwe n’inama nshingamateka."


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.