Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo z’ugukomeza umutekano mu minsi mikuru zafashwe
Ingingo z’ugukomeza umutekano mu minsi mikuru zafashwe
jeudi 22 Kigarama 2016, par
Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yashizeho ingingo z’ugukomeza umutekano mu minsi mikuru ya Noweri n’umwaka mushasha igiye guhimbazwa. Abanyagihugu bose basabwa gukorana n’abajejwe umutekano, mu gushikiriza ababijejwe ico boba biketse ko gishobora guhungabanya umutekano.
Mu nama yagiranye kuri uwu wa gatatu n’abegwa bose n’ikibazo c’umutekano mu Burundi, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko umutekano uhari mu gihugu, asaba ababijejwe ko bowukomeza, cane cane mw’ihimbazwa ry’iminsi mikuru ryimirije.
Gaston SINDIMWO yasavye abanyagihugu kurikanura, kugira babungabunge amahoro n’umutekano.
- Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko ingingo z’ugukomeza umutekano zafashwe, izo nazo zikaba zigizwe n’ukubuza imiduga minini minini (véhicules poids lourds) kwinjira mu gisagara, imikwabu ku miduga, cane cane iyifise ibiyo bitabonerana (vitres teintés), gutanga umuyagankuba mu bibanza vyinshi bishoboka, ibitaro bigakora amasaha yose, ugukuraho amahera y’ingwati yahora asabwa abagize isanganya bituye abaganga, hamwe n’ukurwiza ibikorwa vy’abajejwe umutekano vy’ugukizura.
IGIHE
Messages
22 Kigarama 2016, 14:41, par Sitivini Umugorozi
Imana Ifashe Igihugu Cacu,kugira Muriyimisi, Amahoro Nurukundo Bigwire, Bisimbure,amatati Numuvurungano!
22 Kigarama 2016, 15:55, par Kanyosha
Komera mutama cegera cambere cumukuru w’igihugu turakwumva kandi tuvyakiriye neza ivyovyose atubwiye kandi turaje tubikorereko.
22 Kigarama 2016, 22:04, par Nzokorerimana Gédéon
Nivyo Bawukomeze Igihugu Cacu Tukirinde Basesa Nkuyoze,natw Turambiw Intambara Dushaka Iterambere
23 Kigarama 2016, 06:01, par Jerome Ntakarutimana
Oke Umutekano Barawuvuga Kumunwa Muga Kobikora Birabagora Umutekano Nuwabo Bakubaku
23 Kigarama 2016, 23:31, par fils jde dueu
Komera batWe turi yeuxh
24 Kigarama 2016, 11:24, par mzoyihera intagoheka
Arikosha uravuga ukongera kwitsinda, marango umutekano urakwiye! none abo basoda bazorara barakizura mugihugu kirimwo amahoro? mbe iyo miduga muzoyihiga kwiki kandi hasazwe hariho amahoro? burya ndabibazako nkaninirwa gutahura ivyanyu, nukuri nurudubi kabisa.
24 Kigarama 2016, 16:23, par CAGU
Abategetsi bo bamabavuguko ntibikwirikizwe mbe mugihugu hagati ho gute?cank izongingo zafashwe mu gisagara gusa haa!nzobambona tubirindirije amaso tuzobihezagiza hngohe.