Accueil > Amakuru > u Burundi > Inoti z’ijana zigiye gusubira kuboneka
Inoti z’ijana zigiye gusubira kuboneka
lundi 14 Munyonyo 2016, par
Banki nkuru y’igihugu yafashe ingingo y’ukugura izindi noti z’ijana, aho akaba ari mu gihe hari haheze iminsi hibonekeza ubukene bw’amafaranga mato mato. Muri Banki nkuru y’igihugu bamenyesha ko izo noti zizoba zabonetse mu mpera z’ukwezi kwa mbere.
Abanyagihugu bakora urudandaza ruto ruto bari bamaze iminsi bidoga ko hari ubukene bw’inoti z’ijana, hamwe n’ibingorongoro vy’amafaranga mirongo itanu, ivyo bigatuma bagira ikibazo c’ugusubiza abaguze ibidandazwa.
Yohani CIZA, umuyobozi wa Banki nkuru y’igihugu avuga ko muri banki bari bararanguye ibingorongoro bikwiye vy’amafaranga mirongo itanu, ariko akavuga ko iyo bigiye mu banyagihugu bidaheza ngo bibandanye bitembera, kuko hari abadakunda kubitemberana, bamwe muribo bakavuga ko biremereye.
"Banki nkuru y’igihugu yaramaze gufata umugambi w’ukurangura izindi noti z’ijana, twaramaze kuzituma hanze. Bizotwara ukwezi kumwe n’igice canke amezi abiri, ku buryo twibaza ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere zizoba zabonetse"
Yohani CIZA avuga ko banki nkuru y’igihugu yari yaretse kugura izo noti kugira hakoreshwe ibingorongoro bisanzwe arivyo biramba, ariko akamenyesha ko babonye n’ivyo bingorongoro bitanguye kubura mu bantu kandi bari baguze ibikwiye. Kubw’uwo muyobozi, uwo mugambi w’ukugura izo noti z’ijana uje kworohereza abanyagihugu.
IGIHE
Messages
14 Munyonyo 2016, 21:30, par RIONERI
NIJEWE,RIONERI,KWIRYOJAMBO,MWAVUZE,NOTERERA,MVUGAKO,NTIMWOKWITAHIDIMUGAKORA,INOTI,ZAMIRONGO,IBIRI,HAMWE,NINOTI,ZANCUMI,HAMWENINOTI,ZAMIRONGI,TANU,MUZOBAMUKOZE,YARI,RIONERI,WA,KIGARAMA,,
14 Munyonyo 2016, 21:47, par nsaguye andré
egocanevyobarivyiza kuko izonotizarizitey ingorane kukonk abantubadandaz inyanya ntibariborohewe.
15 Munyonyo 2016, 10:30, par Nestor Habarugira
Tubayeturashima Abadandazanabaguziubuntibacana Uwakakubera Ugukenakwamafrangamatomato Canecane Izijana Bamurazanamakemuyamazekuboneka.
15 Munyonyo 2016, 18:03, par nitunga dieudonne
Nivyiza Mukuye Ibingorongo Vyita Mukazana Inoti
15 Munyonyo 2016, 18:04, par nitunga dieudonne
Nivyiza Mukuye Ibingorongo Vyita Mukazana Inoti
15 Munyonyo 2016, 22:00, par Nkorerimana
Ndashimye mugabo mukwambere nikera mwodufasha mukazizana vuba
15 Munyonyo 2016, 23:59, par ntirandekura omar
izonoti zishasha twari tuzikeneye uhumbwo vyoba vyiza
16 Munyonyo 2016, 06:59, par morodikayi.
Rioneri wumvise twebwe tuzi gukora amahera? yose akorwa nabohanze, kumbe tugira amanyama ataho turigeza , akantu kose dukoresha kivira mwivyo bihugu ryabazungu, umugabaraho yigeze gufatwa muntara ya Makamba, ariko aragerageza kwikorera amahera mwiyo myaka iheze, yarigombeye kwicoreshereza ayo mugihugu ciwe. Reta ati rekasha ntabushobozi ubifitiye, abazungu nibo babifitiye ubushobozi, ariko igitangaje kubera yarasazwe arumunwanyi wa CDD FDD ya mazeumwanya mumpimba, umwanya urume rumara.
17 Munyonyo 2016, 19:10, par Claver
Ahubwo Mwari Mwaratebeje Kuyasubiriza
17 Munyonyo 2016, 19:11, par Claver
Ahubwo Mwari Mwaratebeje Kuyasubiriza
17 Munyonyo 2016, 22:12, par Venuste Nsabimbona
Nka Twebwe Abanyagihugu Bo Mu Ntara Za Ruguru Inoti Zamajana Atanu Nazonyene Zatanguye Guhera.Twosaba Ko Nazonyene Mworangura Zikeyi.
17 Munyonyo 2016, 22:14, par Venuste Nsabimbona
Nka Twebwe Abanyagihugu Bo Mu Ntara Za Ruguru Inoti Zamajana Atanu Nazonyene Zatanguye Guhera.Twosaba Ko Nazonyene Mworangura Zikeyi.
18 Munyonyo 2016, 17:41, par nkunzimana oriviel
nkajewe ndumudandaza nabuze ayo nza ndasubiza nukuri mwoba mudufashije
21 Munyonyo 2016, 05:04, par KANYENKIKO STANY
ZIZOBONEKA GUHERA RYARI?
21 Munyonyo 2016, 18:39, par MISIGARO
izonotikozanyarutseguheramuzozisubiramwo?
21 Munyonyo 2016, 18:43, par Diego Kandamazi
Nyarutsa Muzizan Kandi Muzokor Ninoti Yitanu Kuko Ivyasha Biragoy Gutwara. Muzoba Mukoz.