Accueil > Amakuru > u Burundi > Integuro y’amafaranga azokoreshwa mu kwubaka ibarabara RN16 yemejwe
Integuro y’amafaranga azokoreshwa mu kwubaka ibarabara RN16 yemejwe
jeudi 24 Myandagaro 2017, par
Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Reta, niwe yari mu nama shingamateka gusigura izo nteguro zibiri zemejwe n’abashingamateka bose.
- Jean Bosco NTUNZWENIMANA, Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Reta
Iryo barabara rica i Bururi-Gakuba-Mahwa-Gitega rikaba ari iry’uburebure bungana n’ibirometero 72.
Iryo barabara rizosirwamwo ikaburimbo, ryongere risubirwemwo, ku mfashanyo ya BADEA (Banque Arabe pour le Developement Economique en Afrique), hamwe n’ikigega co mu gihugu ca Arabia Saoudite kijejwe iterambere.
Egide NDUWIMANA
Messages
24 Myandagaro 2017, 12:35, par nephtalie
ndabakeje kubw’iyo nteguro mwemeje vyukuri rirya barabara vyari bikenewe ko rikorwa.Icomwofasha mwokurikirana cane kugira ntibazorisondeke turipfuza ko ryoba ibarabara rikomeye cane.Mubandanye guteza imbere igihugu nico abanyagihugu babizereye bakabatora.Turabashigikiye