Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi isaba Reta gutanga umuco ku bwicanyi (...)
Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi isaba Reta gutanga umuco ku bwicanyi bw’i Buganda
mardi 15 mai 2018
Mw’itangazo Michel KAFANDO yashikirije, amenyesha ko yiyamirije ubwo bwicanyi bwahitanye abanyagihugu 26 bitavye Imana n’abandi benshi bakomeretse, mu gihe mbere bwabaye mu bihe vya poritike bitoroshe, hariko haba imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi, Michel Kafando, ahamagarira abanyeporitike mu butandukane bwabo, gutorera inyishu ivyo badahurizako biciye mu nzira z’amahoro, no kwigumya mu gihe cose hoba agasomborotso.
Michel Kafando, yasubiye kwemeza ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ritazokwigera rishigikira abatorera inyishu babicishije mu gusinzikaza agateka ka zina muntu.
MUGISHA Van Naris
Messages
16 mai 2018, 10:50, par ricco
kafando akwiye kubwira abarundi abicanyi bahungiye i buraya hakubafatisha akabasabira ibiganiro ?.abarundi turimaso ntiyiihende.
21 mai 2018, 22:31, par Sylvestre
Kafando Yavuze Neza Gusaba Reta Kugira Amatohoza, Ababikoze Bahanwe Hisunzwe Amategeko ! None ko Atasavye Ko Abatuririye Abantu Mumapine Ndetse Bagashaka Gutembagaza Reta Muri 2015 Imana Igakinga Nabo Nibafatwe Baje Imbere Yubutungane ? Abona Ko Bariko Baragira Vyiza ? Kwatabasabira Gufatwa ? Uyo Mugabo Natikebuka Arateye Amakenga Peee