Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’ibanki AFREXIMBANK zakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi
Intumwa z’ibanki AFREXIMBANK zakiriwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi
lundi 25 Nyakanga 2017, par
Inyuma y’uwo mubonano, nk’uko bivugwa na Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, izo ntumwa ziyemeje gufasha Reta y’Uburundi mu bijanye n’uburimyi, ukwubaka amabarabara, amabarabara y’indarayi, igisata c’ingenzi, gufasha mu bijanye n’umuyagankuba, hamwe n’ubutare n’agataka.
Mu biro vy’umukuru w’igihugu bavuga ko uwo mubonano wabaye mwiza, kuko abo baserukiye ibanki AFREXIMBANK bemeye gufasha mu migambi itandukanye y’igihugu c’Uburundi.
Egide NDUWIMANA