Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyubakwa za Paruwasi Muramvya zasubiriye kubomorwa n’imvura
Inyubakwa za Paruwasi Muramvya zasubiriye kubomorwa n’imvura
mercredi 18 Gitugutu 2017, par
Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 17 Gitugutu, nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine n’itanu (13h45), imvura ivanze n’umuyaga mwinshi, hamwe n’urubura yononye ibitari bike kuri paruwasi ya Muramvya.
Nk’uko bivugwa na Padiri mukuru w’iyo Paruwasi, Gelase MUGEROWIMANA, inzu y’ububiko yarononekaye cane, ivyumba bibiri vyarabomotse, n’inzu z’abasaseredoti zirageramiwe.
«Ubu tubayeho nk’abageramiwe cane. Dufise ubwoba ko hashobora kugwa iyindi mvura ikonona n’ibisigaye», uko niko uwo arongoye iyo paruwasi yabwiye ikinyamakuru IGIHE.

Ivyo biri ukwo mu gihe mu ndwi iheze, iyo Paruwasi yari yahuye n’iryo sanganya nyene aho ibitari bike vyari vyahononekariye.
Patiri Gelase MUGEROWIMANA asaba aboterera kugira ibikorwa vya Paruwasi Muramvya bisubire ku rutonde.

Pacifique BUKURU