IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Iradiyo CCIB fm igiye kubandanya ikora amakuru ateza imbere ubutunzi (...)

Iradiyo CCIB fm igiye kubandanya ikora amakuru ateza imbere ubutunzi n’ubudandaji

mercredi 6 décembre 2017

Denis Nshimirimana, umunyamabanga mukuru w’ikigo CFCIB amenyesha ko mu mezi abiri iradiyo yari imaze idakora, uruhombo rwabaye runini ku kigo CFCIB no kubanyamitahe.

« Iradiyo CCIB fm+ niwo muhora ducishako amakuru ajanye n’ubutunzi hamwe n’ubudandaji.Agahombo ni kanini Kubona yamaze amezi agera kuri abiri idakora, tukizera ko ingorane zashitse zitazongera kubaho ».

JPEG - 41.6 ko
Denis NSHIMIRIMANA, Umunyamabanga mukuru w’ikigo CFCIB

Naho biri ukwo, Denis Nshimirimana amenyesha ko batagiye kuvuza amakuru y’ubutunzi gusa, ariko bazokora inkuru zijanye n’ibindi bisata, bakazokwirinda gutakaza umurongo ngendegwako w’iradiyo.

Jean Jacques Ntamagara, ari mu mabanga yo kurongora iradiyo CCIB fm + amenyesha ko bagiye gutunganya inyigisho ku bamenyesha makuru kugirango birinde kugwa mu makosa avuye kukutamenya.

JPEG - 55 ko
Jean Jacques NTAMAGARA,umuyobozi mushasha wa Radiyo CCIB FM PLUS

« Dufise abamenyeshamakuru bakiri bato,tugiye gutunganya inyigisho zo kubaronsa ubumenyi bukwiye ».

Radiyo CCIB fm+ ikaba ariyo radiyo yatanguye gusamirana mu maradiyo yigenga mu Burundi, hari mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 1995.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.