IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe ACAT risaba akarere ka EAC gukurikiranira hafi ibibera mu (...)

Ishirahamwe ACAT risaba akarere ka EAC gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi

jeudi 31 Myandagaro 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe ACAT ryo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, ishirahamwe ACAT rimenyesha ko ibiziga bibandanya gutorwa mu nzuzi nka Rusizi, Ruhwa na Ndurumu.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe ACAT riragaruka kandi ku ma gerenade amaze iminsi aterwa mu bice bitandukanye vy’igihugu, aho abantu baharurwa mu macumi bakomeretse cane bivuye kuri ayo magerenade.

Ishirahamwe rigasaba Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha y’i La Haye ari nayo yonyene isigaye kugira ihane abakoze ivyaha mu Burundi, gukora mu maguru masha, mu gihe kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2017 ariho Uburundi buzova muri iyo sentare.

Ishirahamwe ACAT rihamagarira kandi akarere ka Afrika y’Ubuseruko kugira uruhara ruboneka mu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi, kandi gakurikiranire hafi ibibera mu Burundi kugira hamwe hagize ikiba bafashe hakiri kare.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.