Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 35 bakorera mu gisata c’ubudandaji batanze ayarenga imiriyaridi (...)
Abantu 35 bakorera mu gisata c’ubudandaji batanze ayarenga imiriyaridi zitatu nk’intererano y’amatora
jeudi 19 avril 2018
Haba ku bantu ku giti cabo, ku bahuriye mu kazi kamwe canke abakorera mu gisata kimwe, abo 35 babaye aba mbere batanze amafaranga menshi y’intererano y’amatora.
Ayo mafaranga yatanzwe yashizwe kuri konte ijako intererano y’amatora iri mw’ibanki nkuru y’igihugu, mu gisata cayo gikorera mu gisagara ca Bujumbura.
Antoine MUZANEZA yaserukiye abo bakorera mu gisata c’ubudandaji yavuze ko baje gukora ico gikorwa, kuko ari abarundi barajwe ishinga na kazoza k’igihugu.
MUGISHA Van Naris
Messages
21 avril 2018, 02:11, par Ndayikeze Fulgence
Imana Ni Ibahezagire Ibasubiriz Aho Bakuye Igihugu Kiba Kigomba Abagabo N’abagore Nkabo. Bamwe Bibilia Ivuga Ngo Ntibagugwa Canke Ngo Bagurishwe.
22 avril 2018, 10:23, par nd
NIZERA KO RETA IZORABA IRYA NGINGO YO GUKATA IMISHARA KU BAKOZI IKAYIKURAHO. KUKO ABAKOZI BA RETA UMENGA TURI MU BIHANO BIKAZE. TUGIRE KUBA TUMAZE IMYAKA ITATU TUTADUGA BONGERE BAKATE AYANGANA UKURAHO ??? ESE UKUNTU ARI TWE TWAGUMYE TWITANGA DUCA MU MURIRO KUGIRA DUTONDE KU MIRIMO MU MIGUMUKO YAHITIYE YASUMYE IRENGA.