Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe AJAP rihamagarira urwaruka kudakoreshwa n’abanyeporitike
Ishirahamwe AJAP rihamagarira urwaruka kudakoreshwa n’abanyeporitike
vendredi 27 avril 2018
Mw’itangazo ishirahamwe AJAP ryasohoye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2018,Umukuru wa AJAP Eric NSENGIMANA amenyesha ko asaba abanyagihugu na cane cane urwaruka kudakoreshwa n’abanyeporitike nk’ uko vyabaye muri kahise.
Eric NSENGIMANA arongoye ishirahamwe AJAP, avuga ko kenshi urwaruka rukoreshwa n’abanyeporitike mu bikorwa vyo guhohotera, kandi bobo bishakira inyugu zabo.
Eric NSENGIMANA ahamagira urwaruka kwubahana mu kubahiriza ivyiyumviro vy’uwundi naho boba badasangiye umugambwe, kugira ntihagire uwubona ko akumiriwe.
- Eric NSENGIMANA, arongoye ishirahamwe AJAP
Isekeza ryo kwigisha kuzotora Ego canke Oya mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ritegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika kurya 14 Ndamukiza 2018.
BIKORIMANA Vianney