Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe CODIP risaba abanyeporitike kwubaha ivyavuye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe CODIP risaba abanyeporitike kwubaha ivyavuye mu (...)

Ishirahamwe CODIP risaba abanyeporitike kwubaha ivyavuye mu matora

lundi 21 mai 2018

Mw’itangazo ishirahamwe CODIP ryashize ahabona kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Rusama 2018, rimenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, yabaye mu muco kandi mu mutekano.

Ishirahamwe CODIP rirakeza abanyagihugu bitavye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, berekana ubwigenge bw’igihugu, berekana kandi ko inzira yo nyene yo guhindura ibintu mu gihugu ari inzira y’amatora.

Naho hari utunenge twabonetse, nk’aho bamwe mu bari bagize ibiro vy’itora bacerewe, ishirahamwe CODIP rirashimira imigambwe yitavye amatora naho uburyo bwo gukoresha butari bwinshi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe CODIP rirangiza rishimira abarorerezi biatnze gushika mu gihugu cose, rikabasaba gushikiriza ivyo babonye badahengamye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.