Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe NTABARIZA risaba abaheruka kurekurwa kwitaho ibikorwa (...)
Ishirahamwe NTABARIZA risaba abaheruka kurekurwa kwitaho ibikorwa vy’iterambere
jeudi 26 Nzero 2017
Ishirahamwe ry’abahoze bapfunzwe NTABARIZA risaba abaheruka kurekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu kwitaho ibikorwa vy’iterambere ,bakirinda kandi gusubira gukora ivyaha vyotuma basubira gufatwa bagapfungwa.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe NTABARIZA Gloriose MUKAMANA,iryo shirahamwe rimenyesha ko rishimira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yafashe ingingo yo gutanga ikigongwe ku bapfungwa 2500 ,rigashimira kandi ubushikiranganji bw’ubutungane buriko burashira mu ngiro iyo ngingo.
Muri iryo tangazo,ishirahamwe NTABARIZA rimenyesha ko rizokurikiranira hafi isubizwa mu miryang ry’abarekuwe,rigasaba amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu gufasha no kuba hafi abarekuwe .
Ishirahamwe NTABARIZA risaba abakiri mw’ibher kwigenza neza,rikamenyesha kandi ko rizobandanya gusaba ko umunyrro wosubirizwa n’ibikorwa biteza imbere igihugu.
IGIHE
Messages
26 Nzero 2017, 14:06, par murundi
oky none konuzabwenge idyozina mukantabana nidyikirundi? cangwe nidyomurw anda? yewe budya twarinjiranywe,
26 Nzero 2017, 17:12, par Félix Muhire
Uwo yiyita Murundi nibaza ko yasomye nabi. Handitswe Mukamana si Mukantabana. Hariho abarundi benshi bafise amazina akomoka mu Rwanda nkuko hariho abanyarwanda basangiye amazina n’abarundi. Muri province ya Kirundo kenshi usanga basangiye amazina niminota. Si mu Kirundo gusa, ariko abarundi n abanyarwanda begereye ku mbibe zivyo bihugu vyompi usanga bahurira kuri vyinshi. Ndibaza ko ivyo bitotuma woshiramwo umuntu nabi kubera izina
26 Nzero 2017, 19:20, par Warumonge
Bantumurekuwemugerageje,mukorekuko Kuvayomubikese Nkurunzizahama Muhirahire Musubirekw,itwaranabi