IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OAG riravuga ingaruka z’uburyo buke buhabwa igisata (...)

Ishirahamwe OAG riravuga ingaruka z’uburyo buke buhabwa igisata c’ubutungane

mardi 10 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’abajejwe igisata c’ubutangane yabaye kuri uwu wa kabiri, umwigisha muri Kaminuza Michel Masabo yamenyesheje ko haciye igihe kirekire ubushikiranganji bw’ubutungane buronswa uburyo buke kuko mu mafaranga ubwo bushikiranganji buronswa, budashitsa ibice 2 kw’ijana vy’amafaranga Reta ikoresha.

JPEG - 82.3 ko
Michel Masabo,umwigisha muri Kaminuza

Uwo mwigisha muri Kaminuza avuga kandi ko kubona hari amajambo menshi akoreshwa mu butungane atahinduwe mu rurimi rw’Ikirundi hamwe no kutamenya uko ama sentare atunganijwe, bituma abanyagihugu bibagore kugira bashikire ubutungane.

Umuhinga yanonosoye ivy’ubutunzi, Boaz NIMPE yashikirije ko igisata c’ubutungane gishizwe mu migambi mikuru mikuru ya Reta, ubushikiranganji bw ‘ubutungane ntibwosubira kugira ingorane z’amafaranga, kuko coca kironswa uburyo bukwiye, gutyo imigambi yategekanijwe n’ico gisata ibone kurangurwa yose.

Umuhinga muvy’ubutunzi Boaz NIMPE asaba ko ubwo buryo buke buhabwa ubutungane bwokwongerezwa, kuko ubutungane buri mu bifasha kugira amahoro atsimbatare.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.