Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME rigiye kwerekana ibitakozwe mu kurwanya (...)
Ishirahamwe OLUCOME rigiye kwerekana ibitakozwe mu kurwanya igiturire
mercredi 25 octobre 2017
Mw’itangazo ryasohowe na OLUCOME kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugutu 2017,OLUCOME imenyesha ko yatanguje urugamba ruzomara imisi 10 rujanye no kwerekana ivyo igihugu kidashize mu ngiro kuvyo cari casabwe mu nama igira 6 y’amasezerano y’umuryango mpuzamakungu ONU ajanye no kugwanya igiturire.
Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME yibutsa ko bimwe mu vyasabwe ar’uko inama nshingametaka yotora itegeko rigenga ishirwaho rya sentare idasanzwe icira imanza abategetsi ,guhindura ametegeko ajanye no gukingira ivyabona hamwe n’abantu batanga amakuru kubijanye n’igiturire,gusubiramwo amateheko ajanye n’ivyo kunyuruza amatungo ,ubutunzi budasiguritse hamwe no guhindura amategeko kubijanye n’ugusaba amatungo yibwe nkuko biri mu masezerano y’umuryango mpuzamakungu ONU kubijanye no kugwanya igiturire.
OLUCOME ryibutsa ko mu nama igira 6 y’umuryango mpuzamakungu ONU kubijanye no kugwanya igiturire yabereye mu gihugu c’Uburusiya mu mwaka wa 2015 Reta y’Uburundi yemeje ko iriko irashira mu ngiro amasezero mpuzamakungu yo kugwanya igiturire yishimikije ivyavuye mu mwiherero w’abagize Reta ryo mu mwaka wa 2014 wabereye mu ntara ya Gitega kubijanye no kugwanya igiturire.
- Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME
Muri ryo shirahamwe bamenyeshako bike vyiza vyavuye mur’uwo mw’iherero vyanigiwe mu menshi n’abategetsi b’igihugu mu gutora amategeko yotuma abategetsi b’igihugu batokurikiranwa n’ubutungane bw’i Burundi naho bodandaza igihugu.
OLUCOME ivuga kandi ko ivyo Reta yemeza ko igwanya igiturire atari ukuri ufatiye ku cegeranyo ca Transperency International aho Uburundi bwaza mu bihugu 10 vya mbere birya igiturire ariko mu mwaka wa 2006 bwaza mu kibanza ca 36 kw’isi.
Mu kurangiza iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME isaba Reta y’Uburundi, ko imbere y’imisi 10 isigaye kugira iyo nama ibe yokwerekana n’imiburiburi n’ibice 10 kw’ijana y’ivyaranguwe ku vyasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu kuvyerekeye kugwanya igiturire kugira abazoba baserukiye Reta mur’iyo nama izobera mu gihugu ca Autriche hagati y’amagenekerezo ya 6 na 10 munyonyo 2017,ntibazohave bashikiriza ibinyoma imbere y’ibindi bihugu bizoba vyitavye.
Vianney BIKORIMANA