IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME rigiye gusaba umuhuza ko ivy’uguhindura ibwirizwa (...)

Ishirahamwe OLUCOME rigiye gusaba umuhuza ko ivy’uguhindura ibwirizwa shingiro vyobangira

mardi 23 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Benjamin MKAPA, umwunganirizi w’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi aheruka kurungika ubutumire bw’imibonano azogirana n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bahunze Uburundi, abo mu mashirahamwe y’abakenyezi hamwe n’amashirahamwe y’urwaruka. Uwo mubonano ukaba utegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 25 Rusama 2017 mu gisagara ca Entebbe mu gihugu ca Uganda.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kuri uwu wa kabiri, Gabriel RUFYIRI yashikirije ko azokwitaba uwo mubonano, akavuga ko muvyo azosaba umuhuza harimwo kandi ko ingingo ziriko zirafatwa nk’izo mu ntambara zohagarara, aho akavuga nk’ingingo iheruka kwemezwa na Reta y’Uburundi, y’uko abajejwe umutekano bazohora basaka ibirwanisho no mw’ijoro, rimwe na rimwe isakwa rigakorwa hatabanje kwerekanwa urupapuro rubitangira uburenganzira (Mandat de fouille perquisition).

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.