IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risaba abanyeporitike kuva mu majambo bakaja mu (...)

Ishirahamwe OLUCOME risaba abanyeporitike kuva mu majambo bakaja mu bikorwa

vendredi 25 Myandagaro 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Myandagaro 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko igihugu kigifise ico cokorera abanyagihugu ariko kitarakora, ko ata muco uri mw’itunganywa ry’ibisata vya Reta, kandi abantu batakirwa neza mu bisata vya Reta.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko risanga ata ntwaro ibereye iri mu Burundi, kuko amasoko agitangwa ata mahiganwa abaye, agatangwa hakurikijwe aka mwana wa mama n’ikimenyane.

Mu bijanye n’iterambere rirama, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ibintu vyifashe nabi cane, kuko Uburundi buri mu kibanza ca nyuma mu bihugu bikenye kw’isi, aho amafaranga umuntu akoresha ku munsi ari make, bigasigura ko kugira Uburundi bushike kw’iterambere rirama bigoye kuko ata ntwaro ibereye ihari.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI, arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rikamenyesha ko ihangiro umukuru w’igihugu yihaye ryo gukomeza amahoro n’umutekano, gushiraho intwaro ibereye n’iterambere rirama bigoye kurishikako,mu gihe akanovera k’inyigisho kagabanutse, abantu bavyara abana benshi n’ibindi.

Ishirahamwe OLUCOME rikabona ko abanyeporitike bari bakwiye kuva mu majambo gusa, ariko imvugo ikajana n’ibikorwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.