IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe OLUCOME risabira abafise ibibanza bitubatswe kutavyakwa

Ishirahamwe OLUCOME risabira abafise ibibanza bitubatswe kutavyakwa

mercredi 6 juin 2018

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yandikiye umushikiranganji vya Reta , kwunguruza abantu no gutunganya ibisagara, amenyesha ko ishirahamwe OLUCOME ryagumye ryibutsa Reta gushiraho amategeko agenga kwubaka mu gisagara, gutunganya neza ibibanza bitubakwamwo, no gukingira inyubakwa ziri ku nkombe z’inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko, iyo ngingo y’umuyobozi ajejwe gutunganya ibisagara ije mu gihe kitari co, kuko itisunga ubukene ba nyene ibibanza vyo kwubakamwo basanzwe barimwo.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta, OLUCOME, rimenyesha ko n’ikiringo c’ukwezi catanzwe ku bafise ibibanza vyo kwubakamwo ari gito, bisunze impapuro zikenerwa zikarondererwa kandi mu bisata vya Reta, aho bisaba umwanya kugira bazironke.

Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa kandi umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu n’ibintu no gutunganya ibisagara, ko hari n’abarundi bafise ibibanza vyo kwubakamwo bari mu buhungiro, abo nabo bakaba batoshobora kugira intambwe zose zo kwubaka ibibanza vyabo.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga, ko kuri abo bahunze igihugu, badakwiye kubaka ibibanza vyo kwubakamwo, ariko ko ibintu vyabo vyari bikwiye gukingirwa nk’uko Reta yama ibisohora mu matangazo ishikiriza, bikaba no mu bikorwa vyayo.

Ishirahamwe OLUCOME risaba abategetsi mu gihugu, gufasha abo bene ibibanza bitubatswe, kugira ntibavyakwe.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Kuri iyo ngingo yo kwaka ibibanza bitazoba vyubatswemwo,vyoba vyiza habaye gutohoza
    Ku kugene vyatanzwe ubwambere kuko hariho abo usanga bagira spéculation bakaronka mu ma quartiers yose abaye viabilisés abandi bakaburiramwo.
    Hahera imisi bakahagurisha ibitagenda nk’abo bahabatse nta kibi kirimwo.
    Ku kibazo naco c’abahunze ico naco ni ikibazo co kwigwa kitofatwa minenegwe .

  • Uyumugabo siweyabaye uwambere mugucomekerereza nguburundi nabarundi nibafatirwe ibihano, nonetwokwemeragute kwivyavuga birimwo urukundo koko ?
    Ababijejwe nimwirabire ikibereye gukorerwa beni ivyobibanza mubongerere imisi nayivyuwo LUCOM no nonono.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.