Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe OLUCOME rivuga amafaranga ya Reta hafi imiriyadi 300 yaburiwe (...)
Ishirahamwe OLUCOME rivuga amafaranga ya Reta hafi imiriyadi 300 yaburiwe irengero
mardi 20 Ntwarante 2018, par
Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ivyo vyigwa nyene bikenewe ku mafaranga ava mu butare bw’Uburundi. Ivyo biri mu cegeranyo cashizwe ahabona kuri uwu wa mbere n’ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire.
Nk’uko tubishikirizwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME, ico cegeranyo kivuga amafaranga agera hafi ku miriyaridi amajana atatu yaburiwe irengero mu mwaka uheze w’2017. Muri OLUCOME bakavuga ko bamwe mu bategetsi babifisemwo uruhara, hamwe n’abari ku ruhande rwabo.
Ayo mafaranga yaburiwe irengero ari muma Dosiye agera kuri 40 yasuzumwe n’iryo shirahamwe, muri OLUCOME bakamenyesha ko vyari bikwiye ko Abarundi bamenyeshwa aho amafaranga yategerezwa gushika mu kigega ca Reta azimirira.
Egide NDUWIMANA
Messages
21 Ntwarante 2018, 08:14, par murundi charles
ayo mahera ni bayashire mu matora bareke kugora abanyagihugu atayo bigirira
23 Ntwarante 2018, 22:48, par Mama
Murahumba nabakoroni twarabahebera amagi twetukirira ivyatsi vyitwa isogo uburero duhaye ivyacu abarundi benewacu ntangorane.
25 Ntwarante 2018, 06:17, par amiri musa
mbe Gaburiyeri Rufyiri we ko manda zihera we manda yiwe ntiyigera ahera azotwara kugeza ryari? we ko aguma avuga manda zabandi iyiwe ko umengo ntihera!
25 Ntwarante 2018, 14:24, par MUKARUSAGR
AMAKURU.MSHya