Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe ONLCT ryavuze ahari amazu yugaranirwamwo abigeme biteguriye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ONLCT ryavuze ahari amazu yugaranirwamwo abigeme biteguriye (...)

Ishirahamwe ONLCT ryavuze ahari amazu yugaranirwamwo abigeme biteguriye kudandazwa

lundi 23 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’ifatwa ry’abigeme 25 b’Abarundikazi bafatiwe mu gihugu ca Kenya bari mu nzira y’ukuja kudandazwa mu bihugu vy’Abarabu, mw’ishirahamwe ONLCT: Où est ton frère?" bahamagarira igiporisi c’Uburundi gukirikiranira hafi amazu yugaye ashirwamwo abigeme n’abagore biteguriye kuja kudandazwa mu bihugu vya Oman, Arabie Saoudite n’ahandi. Mw’ishirahamwe "ONLCT: Où est ton frère?" bavuga ko izo nzu ziri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, hamwe no mu gisagara ca Bujumbura. Mu kurindira ko basohoka igihugu, muri iryo shirahamwe bemeza ko bishika abo bigeme n’abakenyezi bagashurashuzwa ku nguvu.

Prime MBARUBUKEYE, umukuru w’ishirahamwe "ONLCT: Où est ton frère?" aravuga ko bigenda :

"Ubwa mbere barabanza bagafata abigeme n’abakenyezi bakabugaranira mu nzu bakose kubw’izo mvo, bibaye ngombwa bakanabagaburira ata ngorane, mu nyuma bakaza barabatwara buke buke mw’ijoro, mu minsi irangiza indwi kubera baba bazi ko abajejwe umutekano batari hafi, canke baruhutse, bakabatwara mu bihugu dusangiye akarere."

JPEG - 105.2 ko
Prime MBARUBUKEYE, umukuru w’ishirahamwe "ONLCT: Où est ton frère?"

Nk’uko bivugwa na Prime MBARUBUKEYE, ayo mazu ari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu Gitaza, Magara, Rumonge hamwe na Nyanzalac. Mu gisagara ca Bujumbura naho, ayo mazu ari muma zone ya Mutakura, Kinama (Bukirasazi), Kamenge, Buyenzi, Buterere, Musaga, Kinindo, hamwe na Rohero (Quartier Asiatique).

Ishirahamwe ONLCT: Où est ton frère?" risaba igiporisi ko cokomeza ibikorwa vy’ugukizura muri ivyo bibanza, Reta igasabwa ko yotegeka inzego zijejwe gutanga impapuro z’ukuja hanze ikitondera vy’ukuri kuziha abagore, abigeme n’abana bava muma karitiye ya Kinama (Bukirasazi), Kamenge, Buyenzi, Kanyosha, Musaga hamwe na Buterere, kuko ariho habonetse ibitigiri vyinshi vy’abatwara mu rudandazwa rw’abantu.

Reta isabwa kandi ko yofasha mu gushiraho amasezerano avuga ingene Abarundi baronse akazi hanze bagenda, habe umwumvikano hahati y’Uburundi n’ama Reta y’ibihugu abo barundi baba bagiyemwo.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ayo mashirahamwe asaba yuko Abarundi baguma bapfungiwe hagati mu gihugu ni ukuyiyamiriza. Ni ukurondera akazi aho katari. Kuronka Igitabo c’Inzira (Passport) ntibiba bikwiye kuba amananiza. Co kimwe n’Urupapuro rwo kugendesha imodoka (Permis de Conduire). Izo mpapuro zibiri mu bihugu bitegetwe neza nta munyagihugu usanga atabifise. Kiretse atavyo akeneye.

  • Emwe,nubugesera!Ahubwo nabajejwe gutanga impapuro zingendo(pasport)baze bitonde mukuziha abagore nabigeme kuk hari abagend bazifise kand bagiy muri ivyo bikogwa bigaytse.hari naboshobora kubesha ko ariyo basanzwe baba.

  • Birakaz Simugisagara Ca Bujumbura Gusa.Harico Mwavuz Ngo Abajejw gutanga impapuro zo kuja hanz bakwiy kuvyitondera mukuziha abigeme.

  • JEW NOVUGA KO RETA IBIFISHEMWO URUHARA KUK BAGENDA BABON NIBAFATE ABO BANYEGEY TUBIBIBON

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.