IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe PARCEM rihamagarira Reta gushira imbere umugambi wo kugwanya (...)

Ishirahamwe PARCEM rihamagarira Reta gushira imbere umugambi wo kugwanya ubukene

mardi 17 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu wa kabiri hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ubukene, umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi kiza mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi afatiye ku vyegeranyo vyasohowe.

Faustin NDIKUMANA yashikirije ko Uburundi buza ubwa 5 mu bihugu bikenye ku bw’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere(PNUD) hamwe n’ubwa 3 mu bihugu bikenye mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu FMI.

Uwo aserukira PARCEM avuga kandi ko muri uwu mwaka w’2017, ibice 70 kw’ijana vy’abanyagihugu bakenye, abana bafungura nabi bagaharurwa ku bice 60 kw’ijana.

JPEG - 87.8 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Muri Parcem bashikiriza ko urwaruka rutagira akazi mu gisagara ca Bujumbura ruharurwa ku bice 65 kw’ijana, nayo hagati mu gihugu rugaharurwa ku bice 55 kw’ijana, mu gihe abarundi benshi batunzwe no kurima kandi ibiharuro vyerekana ko umuryango umwe usanga ufise igice ca hegitare yo kurimamwo.

Faustin NDIKUMANA atera akamo Reta gutorera inyishu ivyo bibazo kuko n’ibindi bihugu vyabishoboye birateba birava mu bukene.

Tubibutseko ishirahamwe PRACEM rigiye kumara ikiringo c’ukwezi rishikiriza uko igisata kimwe cose cifashe, hamwe no gutanga umuco ku cokorwa mu gutorera inyishu ivyo bibazo vy’ubukene.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.