Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe RECOVI riramaze gusubiza mw’ishuri abana 15 bo mu (...)
Ishirahamwe RECOVI riramaze gusubiza mw’ishuri abana 15 bo mu Maramvya
lundi 2 avril 2018
Mu gihe kur’uno w’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018, abagize ishirahamwe RECOVI, APKD na GUU bariko bipfurzanya Pasika nziza hamwe n’urwaruka ishirahamwe RECOVI ryitaho, Cyriaque GAHUNGU, arongoye ishirahamwe RECOVI yavuze ko, kugira bashobore gusubiza abana mw’ishuri, ishirahamwe arongoye ryiyemeje ko rizoza rirabaha intumbero n’imigambi bokora kandi rikabafata mu mugongo.
- Cyriaque GAHUNGU, umukuru w’ishirahamwe RECOVI
Cyriaque GAHUNGU, avuga ko ishirahamwe RECOVI ryigisha abana imigambi yo kworora ibitungwa nk’ingurube, impene ndetse no kurima amashu n’ibitunguru, mu Gatumba, mu ntara ya Bujumbura, i Kiganda mu ntara ya Muramvya hamwe n’ahandi.
NAHIMANA Placide, umwe muri abo bana bagiriwe umunsi mukuru wa Pasika, amenyesha ko iryo shirahamwe ryabaziye nk’inyishu mu bibazo baza barahura kubera kutamenya.
Avuga ko ubu bageze ku ntambwe ikomeye muvyo kwiyumvira , ariko ko bakeneye abagiraneza boza barabashigikira mu migambi baba bariko bararangura.
Ishirahamwe ryishinze kugarukira ku bahuye n’ivyago RECOVI rikaba rimaze kuronka abishinze kuriserukira mu bihugu vya Amerika, Swede, Syrilanka n’ahandi.
Oscar NDAYISHIMIYE