Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe UNIPROBA ryatanze ibikoresho vy’ishuri ku banyeshuri
Ishirahamwe UNIPROBA ryatanze ibikoresho vy’ishuri ku banyeshuri
jeudi 11 janvier 2018
Ivyo bikoresho vyari bigizwe n’umwambaro w’ishuri ku banyeshuri bo mu mashuri y’intango n’ayisumbuye, amakaye,ikaramu,uducamurongo, ibirato n’ibindi vya nkenerwa ku banyeshuri, vyahawe abanyeshuri 300 bo mu mashuri y’intango ni 100 bo mu mashuri yisumbuye.
Emmanuel NENGO arongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA avuga ko uwo mugambi wo gutanga ibikoresho ku banyeshuri bawushize mu ngiro, inyuma y’ubushakashatsi bakoze, basanga ishuri niryo ryo nyene ryofasha abatwa kuronka ivyo basaba Reta kandi bitanakiboneka.
Emmanuel NENGO,ati : « Twasanze kwigisha abatwa arivyo twoshira imbere,kuko naho boronka amatongo bahawe bataronka manini,ahubwo hakenewe ko biga kugira bigurire ayabo. »
Bitegekanijwe ko ico gikorwa kibandanya mu yandi makomine agize intara ya Bujumbura Rural nka Mukike hazoronka abanyenshuri 81, Mugongo Manga naho hakaronka abanyeshuri 170.
Mwomenya ko ivyo bikoresho vyabonetse ishirahamwa mpuzabatwa UNIPROBA ribifashijwemwo n’ihuriro Conference episcopale Italienne ry’abakatorika.
MUGISHA Van Naris