IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe "Youth Globe" rihamagarira urwaruka kumenyera kwironderera (...)

Ishirahamwe "Youth Globe" rihamagarira urwaruka kumenyera kwironderera akazi

lundi 9 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama ishirahamwe Youth Globe yatunganije ku rwaruka rutandukanye rwavuye mu ntara zitandukanye, Hakizimana Museveni aserukira "Youth Globe" yamenyesheje ko igikorwa bakoze co guhuza urwaruka rutandukanye hamwe n’abagwizatunga bari kumwe n’aborongonzi batandukanye b’amashirahamwe bizofasha kugira urwaruka ruhane ivyiyumviro rushobore kubona ko hariho amahirwe mu gihugu yo gutanguza imigambi, kuko urwaruka rwinshi rutabizi.

Hakizimana Museveni yavuze ati : “Twahamagaje uru rwaruka kugira turukaburire ubwenge ku vyerekeye kwiyungunganya mu migambi y’iterambere, gutyo rushobore kwikora kumigambi yarwo, kuko hariho amahirwe yo gutanguza imigambi benshi mu rwaruka batazi”.

JPEG - 97.1 ko
Hakizimana Museveni aserukira "Youth Globe"

Uwo arongoye "Youth Globe" ashikiriza kandi ko atari ingorane yo kubura amafaranga ituma urwaruka rudatanguza imigambi, ariko ko benshi mu rwaruka bashaka gutangurira ku migambi isaba amahera menshi kandi umuntu ashobora gutangurira ku migambi mito mito. Avuga ko izo nama bategura zimaze gufasha urwaruka rumwe rumwe gutanguza imigambi yarwo.

Manirakiza Lievin ari mu bitavye iyo nama avuga iyo nama izobazanira akunguko kuko izotuma bahindura ivyiyumviro bari bafise kugira bashobore kurondera ubuzi ubwabo bafatiye kuvyo bize mu mashure, kuko muri Reta ata kazi kagitangigwayo.
Ku bwiwe, abona ko imbere yo gusaba umutahe ko urwaruka rwobanza kugira imigambi kuko atawosaba umutahe ata mugambi arashobora gutegura.

Kubwa Niyonteze Fabiola, nawe nyene ari mu bitavye iyo nama ashikiriza ko iyo nama izomufasha kwugurura ivyiyumviro kugira ashobore kubona akaryo afise mu gutanguza imigambi mu gihugu, kuko abateguye iyo nama babahuje n’abantu benshi bamaze kugira ico bashitseko, bikazobasha kubafatirako akarorero kugira biteze imbere.

Tubibutse ko iyo nama igira 5 itunganijwe n’ishirahamwe "Youth Globe", uwu mwaka ikaba yatunganijwe ku civugo : “Uburyo bwo gutanguza imigambi mu Burundi”.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.