IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirwaho rya komine Buhayira ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nshikiranganji

Ishirwaho rya komine Buhayira ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nshikiranganji

mardi 29 mai 2018

Muri iyo nama nshikiranganji ya kabiri umukuru w’igihugu agirishije ari kumwe na Reta Nshasha, hategekanijwe kwiga kandi, integuro y’itegeko ritunganya gushasha imbibe za komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke, iyo nayo ikaba yashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ibindi vyigwa muri iyo nama nshikiranganji, ni integuro y’itegeko ry’umukuru w’igihugu rishiraho umurwi w’igihugu ugenzura umugambi wo gutera ibiri wiswe, ‘’Ewe Burundi urambaye.’’

Ikindi cashikirijwe n’umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, ni integuro y’itegeko rigenga imfashanyo y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere IDA, amasezerano yateweko umukono kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2018.
Abashikiranganji bariga kandi utuntu n’utundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.