Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itegeko rigenga ingoma mu Burundi ntirivugwako rumwe n’abo ryega - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi > Itegeko rigenga ingoma mu Burundi ntirivugwako rumwe n’abo ryega

Itegeko rigenga ingoma mu Burundi ntirivugwako rumwe n’abo ryega

mardi 21 novembre 2017

Mu gihe yariko yugurura indwi yahariwe ingoma z’Uburundi kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 20 Munyonyo 2017, umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama yavuze ko itegeko rishasha rigenga ingoma rije kugira rihagarike akajagari kahora kibonekeza mu kuvuza ingoma gahagarare.

Umushikiranganji Jean Bosco HITIMAMANA avuga ko bisunze ko ingoma zisigaye ari ubutunzi mpuzamakungu bwemewe mw’ishirahamwe UNESCO,zitegerezwa gukingirwa kugira zigumane akanovera, kandi zigumane agateka zamanye kuva kera.

JPEG - 141.7 ko
Jean Bosco HITIMANA,umushikiranganji w’urwaruka,inkino n’imico kama.

Ati :’’ Iryo tegeko rirasanzwe, nta mpari riteye. Ingoma zamyeho. Ayo mategeko aje gufasha kuko ingoma zahora zivuzwa ahatariho, zikavuzwa n’abataribo, ivyo rero bizohagarara, zivuzwe hake kandi hashoboka.’’

Ku bijanye n’uko imirwi yahora ivuza ingoma ishobora kuzimangana no kwibagirwa n’urwaruka, umushikiranganji avuga ko bidashoboka kuko hagiye gushingwa mu mwaka uza wa 2018 ikigo c’igihugu c’ingoma, kizoshingwa mu ntara ya Gitega.

Ivyashikirijwe n’umushikiranganji bishigikiwe kandi n’umutimbo Abed DUNIA ari mubaronkejwe agashimwe n’umukuru w’igihugu ko babungabunga akaranga. Kubw’iwe avuga ko iryo tegeko rije kubafasha kugira bamenyekane kandi babe rurangiranwa.

Abed DUNIA : ’’Ni itegeko rizodufasha kumenyekana’’

Abed DUNIA ati :’’ Iri tegeko rije kudufasha mu kudukurikirana, tumenyekane, tube ba rurangiranwa aho duciye hose baduhe agaciro.’’

Uwo yavugije ingoma kuva mu mwaka wa 1982 avuga ko yizeye ko abatimbo bazoronka ikibanza gikwiye bashikirizamwo ivyiyumviro vyabo, gutyo bifashe n’ingoma gutsimbatara.

’’Ni itegeko rikumira imirwi itaramenyekana’’

Ku rundi ruhande, umwe mu bari mu mirwi y’abatimbo, avuga ko batashimishijwe n’iryo tegeko kuko risa n’irikumira imirwi imw’imwe, rigaba ikibanza imirwi yamenyekanye kuva kera.

Naho ashigikiye ko ata mukenyezi yovuza ingoma yisunze ivyo yasiguriwe n’abamukurira mu mwuga wo kuvuza ingoma, avuga ko itegeko rishasha rizotuma bibagirwa kuko batazosubira kuronka aho bavugiriza ingoma.

Kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2017, niho umukuru w’igihugu yashira umukono kw’itegeko rigenga ingoma z’Uburundi. Muri iryo tegeko harimwo ko ata mugore canke umwigeme azosubira kuvuza ingoma, ariko gusa ashobora gutanga imvyino ziherekeza umurisho w’ingoma.

Iryo tegeko kandi rivuga ko ingoma zidasubira kuvugirizwa ahariho hose, no mu bihe ivyarivyo vyose, ko zizovuzwa gusa mu manza z’igihugu. Mu zindi manza bikazobanza gusabirwa uruhusha mu bushikiranganji bw’urwaruka ,inkino n’imico kama indwi zibiri imbere y’uko zivuzwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.