Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingoma z’Uburundi zigiye kwandikwa ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi > Ingoma z’Uburundi zigiye kwandikwa ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi (...)

Ingoma z’Uburundi zigiye kwandikwa ku rutonde mpuzamakungu rw’iragi kama

mardi 11 Munyonyo 2014

Ingoma z’Uburundi zigiye kwandikwa ku rutonde nserukirakaranga mpuzamakungu rw’iragi kama. Abatimbo b’Uburundi n’uburundi bazoharonkera akarusho kuko ingenzi zizokwiyongera. Umurwi nserukiragihugu w’abatimbo uriko witegurira urwo rugendo uzomaramwo hafi iminsi indwi.

Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama

Mu kiganiro umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yatanze ku bamenyeshamakuru, avuga ko gushira ingoma z’Uburundi ku rutonde nserukikaranga mpuzamakungu rw’iragi kama, Uburundi buzoba buriko bushira mu ngiro isezerano rya UNESCO ryemejwe kw’igenekerezo rya 25 Myandagaro 2006. Muri iryo sezerano, iragi kama rivuga imico n’imigenzo igaragara y’abasokuru hamwe n’imvugo zabo, ni ukuvuga ururimi, ukwinezereza biciye mu ntambo, mu nkino no mu birori bitandukanye.

Ku bw’ivyo, ubushikiranganji butegekanya gushigikira umuco w’ingoma mu gushiraho umunsi wahariwe ingoma, gushiraho ikigo kizigisha, kwitaba isabukuru mpuzamakungu ry’ingoma riba rimwe mu myaka 2, hamwe no kugarukira no gukingira igiti c’Umuvugangoma gikorwamwo ingoma.

Ku munsi w’iyandikwa, ubushikiranganji buzotwara umurwi nserukiragihugu w’abatimbo bazoserukana izo ngoma. Ibirori bizobera mu gihugu c’Ubufaransa kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 29 Munyonyo. Abatimbo bagera kuri 21 harimwo abakobwa batamba 7 n’abagabo 14 bazokwitaba ivyo birori.

Adolphe Rukenkanya aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama avuga ko namba ingoma zivuzwa cane muri kino gihe kandi kare zavuzwa mu bihe bidasanzwe, ari itera mbere ry’umuco, ko gikuru ar’uko umuzi w’ingoma woguma ari Uburundi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.