IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Ingoma z’Uburundi > Umukuru w’igihugu yashize umukono kw’itegeko ribuza abigeme n’abakenyezi (...)

Umukuru w’igihugu yashize umukono kw’itegeko ribuza abigeme n’abakenyezi kuvuza ingoma

mercredi 25 octobre 2017

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2017, umurwi wose canke ishirahamwe rifise intumbero yo kuremesha ibiteramo bijanye n’akaranga ritegerezwa kwiyandikisha mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama.

Iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu rivuga kandi ko mu gihe ingoma bikenewe ko zivuzwa mu manza atari iz’igihugu, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama ariwe ategerezwa gutanga uburenganzira.

Iryo tegeko nyene rivuga ko uruhusha rw’umushikiranganji w’urwaruka, inkino, nn’imico kama buzobanza gutanga uruhusha ku ngoma zizovuzwa mu manza z’ubukwe, z’aho batanze impapuro z’umutsindo, ahavutse umwana canke aho batanga inkwano.

Mu ngingo yaryo ya 6, iryo tegeko rivuga ko uwatunganije ibirori ategerezwa gusaba uburenganzira bwo kuvugiruzwa ingoma, indwi zibiri imbere y’uko ivyo birori biba, akavuga aho ibirori bizobera, igenekerezo n’umwanya bizomara.

Kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 niho ingoma z’Uburundi zemerwa n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’imico n’akaranga UNESCO, zija ku rutonde nserukiranga mpuzamakungu, iragi kama.

Aha munsi ni bamwe mu bigeme bariko bavuza ingoma


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abigeme bazozivugiriza ahandi atari aho uwo yashinze iryo tegeko akontorora (hato caane) kandi ntaco bizobatwara.

  • NI nziza cane iyo ngingo.Ahubwo nari nibazako ibijanye n’imanza nka mariage, diplôme,....ingoma zitovuzwa, zikavuzwa ku manza z’igihugu zikomakomeye. Muga ntaco turizeye abafashe iyo ngingo. Hama hanze y’igihugu ni gushiraho uburyo bwo kubigenzura kugira ntituzosange baratanguye no kuzikana ubonako hari abakaze mu gusubiramwo ibintu

  • @Aristide Noris : Ahubwo iyo udomako neza muri ivyo vyiyumviro vyawe ukavuga yuko ingoma zovugirizwa umuntu umwe rudende, ko wamaze gukuramwo imanza ingoma zitovuzwa.
    Ivyo gukana navyo nibaza ko iryo tegeko riraba gusa ikwadarato 27834 uyo yarishizeho agenzura, kuko uwuzoca igiti muri Amazonie akishirirako urusato rw’inka azoyivuza ukuri kwamye. Nawenu nta Mbonerakure zizomuhohotera ngo yarenze amategeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.