IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rihana abatunze ibintu bitangana n’imishahara yabo ririmwo (...)

Itegeko rihana abatunze ibintu bitangana n’imishahara yabo ririmwo amahinyu

samedi 23 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro co gushikiriza ivyaranguwe mu myaka cumi iheze ikigo kijejwe kurwanya ibiturire gishizweho, Elie Manirafasha atwara igisata co kurwanya igiturire amenyesha ko amategeko ahana abafise amatunga adasiguritse ridatomoye, akavuga ko hagiye kuba impinyanyuro zimwe zimwe.

Arongera akavuga ko bigoye kumenya neza ko abafise amatunga arengeye imishahara bahembwa bisigura ko ari ubusuma, akavuga ko hari abantu basanzwe biyungunganya gutyo bakaronka amatunga atavuye mu mishahara ya Reta.

Elie Manirafasha asaba uwo wese yoba azi abafise amatunga avuye mu bunyonyezi ko yobishikiriza igisata kijejwe guhana abarya ibiturire no kunyotora amatunga ya Reta.

Ikigo kijejwe kurwanya igiturire n’isesagugwa ry’amatunga ya Reta catanguye gukora igenekerezo rya 5 za Munyonyo 2007, kikaba kirumije imyaka 10 gikora.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.