Accueil > Amakuru > u Burundi > Itegeko rivuga umunsi w’amatora y’ibwirizwa shingiro ryateweko (...)
Itegeko rivuga umunsi w’amatora y’ibwirizwa shingiro ryateweko umukono
lundi 19 Ntwarante 2018, par
Nk’uko biri muri iryo tegeko, imigambwe canke inani z’imigambwe yipfuza kwigisha abanywanyi bayo ibijanye n’itorwa ry’iryo bwirizwa shingiro isaba kwiyandikisha mu murwi ujejwe gutegura amatora, kuva kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante gushika kurya 6 Ndamukiza 2018. Iryo tegeko rivuga ariko abarekuriwe kwiyandikisha ari abakwije ibisabwa n’amategeko.
Ku munsi w’ugutora iryo bwirizwa shingiro, Abarundi baba hanze y’igihugu bazotorera ahari ubuserukizi bw’Uburundi, abasirikare nabo barungitswe kugarukana amahoro mu bihugu itandukanye bakazotorera mu bibanza ababatwara bazobereka, ivyo bibanza navyo bikazotorwa n’abatwara abo basrikare, babifashijwemwo n’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora (CENI).
Egide NDUWIMANA
Messages
19 Ntwarante 2018, 11:21, par erc
aho babeshango abanyagihugu ngobiteguriye guhindura ibwirizwa nshingiro. yemwe nukubabeshera ndayicariye yarabihejeje hasigayeko itarike igera abitangaza . nukugora abanyagihugu ndayicariye azovugako baritoye 51 nibice 60 /kwijana muzoba mumpinyuza muga bize biberere.
19 Ntwarante 2018, 18:56, par ndayisenga richard
amahoro nabe muritwese abarundi