IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uguterera amatora yo mu mwaka w’2020 kwagizwe itegeko ku Barundi (...)

Uguterera amatora yo mu mwaka w’2020 kwagizwe itegeko ku Barundi bose

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu nama yagiranye kuri uwu wa kabiri naba Buramatari bose b’intara zigize Uburundi, hamwe naba Musitanteri b’amakomine yose y’igihugu c’Uburundi, Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabwiye abo bajejwe intwaro ko igikorwa bahawe ari ico kwumvisha Abarundi bose akamaro k’amatora.

"Dufise ihangiro twebwe abajejwe intwaro ryo kwumvisha umurundi wese kuva hejuru gushika hasi ko amatora ari kirumara. Amatora ni imwe mu nzira zikomeye zo gutsimbataza amahoro n’umutekano."

JPEG - 45.8 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Pascal BARANDAGIYE avuga ko iyo amatora atabaye ata butegetsi bubaho, kandi ko haca haba akajagari, ivyo bikabaho iyo nzego zitwara zidashizweho.

Muri iyo nama, abajejwe intwaro basavye ko hovugwa urugero rw’amafaranga umuntu wese yotanga hamwe n’ingene ayo mafaranga yotozwa, mbere ukwo guterera amatora kukaba itegeko ku murundi wese.

"Twumvikanye ko ivyo guterera amatora biraba umwenegihugu wese, uwize n’uwutize, umurimyi n’umukozi wa Reta."

Nk’uko vyashikirijwe na Pascal BARANDAGIYE, abajejwe intwaro bagiye kuja hamwe bumvikane urugero rw’amafaranga umurundi wese yotanga yaba rimwe mu mezi atatu, canke rimwe mu mwaka. Ku bakozi ba Reta, abagize ama sendika bazoja hamwe bumvikane amafaranga yokatwa ku mushahara w’umukozi wa Reta.

Muri iyo nama yagiranye n’abatwara intara zose z’Uburundi zigize Uburundi, aba Musitanteri b’amakomine yose agize igihugu c’Uburundi, hamwe n’uwaserukiye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, abari muri iyo nama bamenyesheje ko bashigikiye umugambi wa Reta y’uguhimiriza abanyagihugu bose ko boterera amatora yo mu mwaka w’2020.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka gutanga intererano y’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi, akaba kandimw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Muri iryo jambo, Petero NKURUNZIZA yavuze ko abarundi bisunze ibihe igihugu caciyemwo kuva mu mwaka w’1961, bikwiye ko bitegurira neza amatora yo mu mwaka wa 2020 no muri kazoza mu bijanye n’uburyo hamwe n’ibikoresho batarinze gusaba imfashanyo mu makungu.

Muri iryo jambo yavuze ati : « Umwe wese azoterera uko ashoboye, gutyo twereke amakungu ko Abarundi dushoboye kwitunganiriza amatora azira utunenge tutarinze kuzera inze, nakare akimuhana kaza imvura ihise. Iyo ni imwe mu nzira zo gutsimbataza intahe y’ukwikukira na demokarasi mu gihugu cacu, na kare iyo ntahe y’ukwikukira twayironse iciye mu matora mu 1961. »

Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU atavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko icihutirwa muri uwu mwanya atari ugusaba intererano z’amatora abanyagihugu basanzwe bari mu bukene. Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko ata n’uwomenya ko ayo matora azoba, aravye icuka ca poritike kiri mu Burundi. Kubw’uwo munyeporitike, icihutirwa ahubwo kwari ukuduza ubutunzi bw’igihugu, uguhagarika ubugizi bwa nabi bukorwa, hamwe n’ukwubahiriza ubwigenge bwa bamwe n’abandi, mu bijanye n’ugushikiriza ivyiyumviro.

JPEG - 25.3 ko
Leonce NGENDAKUMANA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU

Egide NDUWIMANA

Messages

  • DD ivyo ikora biracuritse ntahantu na hamwe kw’isi bategeka abanyagihugu guterera budget y’amatora,en plus mu gihugu canyuma nk’u Burundi gikenye kw’isi,ivyo ni ubusuma,i puuu,DD muzopfa mwangara nka Gahini

  • mufatanye mwubake igihugu canyu, kuko abazungu amatora yanyu sibo afitiye akamaro kurusha mwebwe ubwanyu,mufatire icigwa ku rwanda.

  • Turabateye intege batware muturongoye.Uburundi bwarikukiye,dushire hamwe twereke ayo makungu yibaza ko ataco twoshikako atarimwo ko tushoboye kwitunganiriza amatora,at mfashanyo yabo iroze dukoresheje.Turanse agansunzuguro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.