Accueil > Amakuru > u Burundi > Jean Marie MUHIRWA yarahiye mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko
Jean Marie MUHIRWA yarahiye mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko
vendredi 21 Gitugutu 2016, par
Jean Marie Muhirwa aheruka gutorwa n’inama nshingamateka y’Uburundi kugira aserukire igihugu c’Uburundi, mu kibanza cahoramwo Hafsa Mossi, mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yarahiye icese kuri uwu wa kane igenekerezo rya 20 Gitugutu 2016, atangura ubuserukizi bw’Uburundi muri iyo nama nshingamateka.
Ico gikorwa cabereye ku cicaro c’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA) giherereye muri Tanzania, indahiro yiwe ikaba yakiriwe n’umukuru w’iyo nama nshingamateka, Daniel F.Kidega, nk’uko amategeko agenga umuryango w’Afrika y’ubuseruko abiteganya.
Jean Marie Muhirwa, yinjiye mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko kuva kuri uwu wa kane, ni umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Kirundo mu mugambwe CNDD FDD. Izina ryiwe ryemejwe n’abashingamateka 103, kuri batandatu batamwemeje.
IGIHE
Messages
21 Gitugutu 2016, 17:10, par Mahama
Komera Jean Marie Muhirwa, ntankeka urabishoboye ubonako
Uvuga neza igifaransa, icongereza, nigiswahili, nkakurya uvuga ururimirwawe kavukire rw’ikirundi.
Hanyuma mugusorongoranavyo ndazi kuzoba mubihangange murabo muzobamuriko murakorana.
22 Gitugutu 2016, 04:01, par tari
Abe agiye gukorera umudyango EAC abe atagiye gukorera umuntu nkuko bimeze ngaha kandi abe atajanye akajagari nkako bamamwo
22 Gitugutu 2016, 16:56, par dieugo
felicitation kuko urabishoboye uri ncabwenge bandanya uhagararira igihugu
22 Gitugutu 2016, 21:26, par jewe
numunyarwanda yemwe humura. izina ryiwe wumva gute?
23 Gitugutu 2016, 11:04, par Rubona Burundi Bwejo
Aha Urabe Intwa Nkamose H afusa Ukare Nkawe Nturabe Inyungu Zabad Kuko Namos Yakora Atiziganya Ariko Abad D Muri Abamesha