Accueil > Amakuru > u Burundi > Karusi-Buhiga: Abanyagihugu basaba kuronswa amazi meza
Karusi-Buhiga: Abanyagihugu basaba kuronswa amazi meza
mardi 10 Nzero 2017
Kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2016,ku murwa mukuru w’ikomine ya Buhiga ,mu ntara ya Karusi,hari ubukene bw’amazi. Abajejwe ivyo gutanga amazi muri komine baremeza ko bazi ko umurwa mukuru wa Komine ata mazi meza ufise ,haraheze amezi atandatu.
Abakorera imirimo ku murwa mukuru w’ikomine ya Buhiga bavuga ko ,ibikorwa bitagikorwa neza kuko atabaza kubitura bakironka kubera ubwo bukene bw’amazi.
Muri abo,harimwo abafise amazu yakira ingenzi,bavuga ko ibikorwa bikorwa nabi nabi.Ikibanza conyene kironka amazi ni ibitaro biri ku murwa mukuru w’ikomine ,naho nyene amakuru ava aho amenyesha ko ivyo bitaro bironka amazi meza mu masaha y’umutaga gusa.
Abajejwe indero muri komine Buhiga nabo nyene,baremeza ko amashuri abiri afise uburaro,yashikiwe n’ikibazo c’ikena ry’amazi meza,bagasaba ababijejwe kugira ico bakoze mu maguru masha mu gihe igice ca kabiri c’amashuri catanguye.
IGIHE
Messages
10 Nzero 2017, 09:45, par Olivie Ngoma Irakoze Gitaramuka Ntunda
Abakunzi B’igisagara Ca Buhiga Twese Turasavye Abarongozi B’intara Ya Karusi Baturonderere Umuti W’ikibazo Cayo Mazi Kuko Buhiga N’umutima Wa Karusi.
11 Nzero 2017, 08:00, par CHARLES NGENDAKUMANA
AHUBW ABAGIRANEZA NKA WV NIFASHE ISHIKE NO MURI KOMINE GITARAMUKA HOHO BIRARENZE KWIKENA RYAMAZI