IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Korea : Amatora y’ugusubiriza umukuru w’igihugu yagirijwe kurya (...)

Korea : Amatora y’ugusubiriza umukuru w’igihugu yagirijwe kurya ibiturire

mardi 9 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

BBC ivuga ko mu bariko barahiganwa bagera kuri 13, uwuhabwa amahirwe kurusha abandi ari Moon Jae-in ari mu baharanira ukwisanzura.

Muri ayo matora, bivugwa ko abanyagihugu bariko bisunga ubutunzi bw’ico gihugu, ariko ko n’ikibazo ca Korea ya ruguru gushobora guhindura intumbero y’amatora.

Uwo ahabwa amahirwe menshi ari mu bashigikiye ko imigenderanire na Korea ya ruguru yokomezwa.

Ayo matora aza guhera kuri uwu wa kabiri nyene, ari naho uwatsinze aca amenyekanira, akazoca arahira kuri uwu wa gatatu.

Uwahora ari umukuru w’igihugu wa Korea y’epfo, umupfasoni Korea yepfo Park Geun-hye yabaye umukuru w’igihugu wa mbere mu bitorewe n’abanyagihugu yakuwe ku nguvu mu mabanga.

Abacamanza bose bashigikiye ingingo yemejwe n’inama nshingamateka yo gukurikirana mu butungane uwo mukenyezi Park yagirizwa ibiturire. N’ubudahangarwa inama nshingamateka ikaba yarabumukuyeko, akaba ubu abarizwa mw’ibohero.

Sentare nkuru yo mu gisagara Seoul co muri Koreya y’epfo, niyo yataye muri yompi Park Geun-hye w’imyaka 65 yahoze ari umukuru w’igihugu, imbere y’uko asabwa gutanga imihoho kubera ivyaha yagirizwa vy’ukurya igiturire hamwe n’ubutegetsi bufatiye kuri mwana wa mama.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu aragirizwa kandi amakosa agizwe n’ukuba ataranguye neza imirimo yari ashinzwe, hamwe n’ukumena amabanga y’igihugu.

Sentare yasiguye ko bikwiye ko Park atabwa muri yompi kuko ivyo yagirizwa bifitiwe ivyemezo, kandi ko hari amakenga ko ashobora kuzimanganya ivyo vyemezo.

JPEG - 217.1 ko
Park Geun-hye yabaye umukuru w’igihugu wa mbere mu bitorewe n’abanyagihugu yakuwe ku nguvu mu mabanga.

NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.