Accueil > Amakuru > ishirahamwe > LDGL risaba Reta gukurikiranira hafi umutekano w’abarekuwe n’umukuru (...)
LDGL risaba Reta gukurikiranira hafi umutekano w’abarekuwe n’umukuru w’igihugu
jeudi 26 Nzero 2017
Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini LDGL rimenyesha ko ingingo yo kurekura abapfungwa izofasha kugabanura igitigiri c’abapfunzwe mu mabohero.
Mw’itangangazo ishirahamwe LDGL ryashize ahabna, iryo shirahamwe rimenyesha ko rishimishwa n’ingingo y’umukuru w’igihugu y kurekura abapfungwa 2500,kuko iyo ngingo izofasha kugarukana icuka ciza mu miban na plitike mu gihugu.
Ishirahamwe LDGL risaba Reta y’Uburundi gushikiriza ijambo rizobafasha gusubira mu miryango yabo,rigasaba kandi Reta ko yokurikiranira hafi ibijanye n’umutekano wabo.
Muri iryo tangazo ishirahamwe LDGL risaba ko abahagarika abantu hatisunzwe amategeko bobibazwa.
Ishirahamwe LDG ryitaho agateka ka zina muntu mu karere k’ibiyaga binini riheza itangazo risaba abarundi kwakirana umutima w’urukundo abo bapfunguwe,nkuko vyamye bikorwa kuva kera.
IGIHE
Messages
26 Nzero 2017, 19:29, par WARUMONGE
Babebajanye Umutimawurukundokukobakajabigira Ivyobahorabigiramushwobazosubirayo Ndangije Ndifuzako Bokurikira Amatekanamategeko
26 Nzero 2017, 19:36, par WARUMONGE
YOOO! RETANTAMUTIMAMUBIYAMANYENIBATAHUKE BUBAHE AMATEKANAMATEGEKO HAMA MUBABANYIBIFATERUNTU NTIBAZENKIBIGONDE