Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ligue ITEKA: Abantu 7 barishwe,15 barahohoterwa, 1 aburirwa irengero mu (...)
Ligue ITEKA: Abantu 7 barishwe,15 barahohoterwa, 1 aburirwa irengero mu ndwi imwe gusa
mercredi 1er Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA rimenyesha ko abantu 7 bishwe,15 barahohoterwa ,uwundi umwe aburirwa irengero mu kiringo kitarenga indwi imwe gusa,kuva kw’igenekerezo rya 23 gushika kurya 29 Nzero,umwaka wa 2017.
Nkuko biri mu cegerenyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA,abagirizwa gukora ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu,ni bamwe mu bapolisi,bamwe mu basirikare na bamwe mu bakozi b’ibiro bikuru vy’igendereza.
Muri ico cegeranyo,ishirahamwe Ligue ITEKA rimenyesha ko ababangamiwe cane ari abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi.
Ishirahamwe Ligue ITEKA rivuga kandi ko ubutungane bw’Uburundi bukoreshwa na cane cane mu gihe haburanishwa imanza zifise intumbero ya politike,kuko iyo hakurikiranwa uwudashigikiye ubutegetsi akurikiranwa ariko k’uwushigikiye ubutegetsi bidakorwa naho yoba yakoze icaha gikomeye.
Mu kurangiza,ishirahamwe Ligue ITEKA,risaba Reta gucungerera umutekano abarundi bose,rigasaba amakungu gufasha kugira ibiganiro bihuza abarundi bibandanye mu maguru masha.
IGIHE
Messages
1er Ruhuhuma 2017, 13:35, par Cobla Rouge
Sarira Hiyo
1er Ruhuhuma 2017, 16:23, par Hutsi
Burya kuvakera wasanga hariho abasazi bakunta ibintu vyokwomanga gusa kandi wasanga atagikorwa nakimwe cokwitesimbere bakora kiretse kwonagagusa, nabarero bazokwomanga mpaka.
2 Ruhuhuma 2017, 08:23, par Kazungu Remi
Yemwe muracaharura hazogera nahomucoka, nimba ataruyu Nkurunziza! umukataba yagiranye nashetani wamagunguru yamaraso atayashikanye ntamurundi azigera aronka amahoro. Nayivyo musaba Reta rwikingire abarundi bose ivyo numugani kuriyo!, ntanaho bizigera bibaho.