IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ligue IZERE NTIWIHEBURE isaba Reta gushiraho uburyo bwo gukingira (...)

Ligue IZERE NTIWIHEBURE isaba Reta gushiraho uburyo bwo gukingira abanyagihugu

mercredi 18 Nzero 2017

Inyuma y’ubwicanyi bwahitanye abantu batatu muri zone ya Muyira,Komine Kanyosha ,intara ya Bujumbura,ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue IZERE NTIWIHEBURE risaba Reta,gushiraho uburyo bwose bushoboka bwo gukingira abantagihugu.

Francois Xavier NDARUZANIYE arongoye ishirahamwe Ligue IZERE NTIWIHEBURE amenyesha ko Reta yosubira gutanguza isekeza ryo kwaka ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha,kuko vyibonekeza ko ivyo birwanisho arivyo bihitana abanyagihugu.

Umukuru w’ishirahamwe Ligue IZERE NTIWIHEBURE asaba ko Reta yokomeza ibikorwa vyo gucungera umutekano ku mbibe z’igihugu,na cane cane ku mbibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda hamwe n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Mu kurangiza Francois Xavier NDARUZANIYE asaba umurwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira,gukomeza ibikorwa vyo kwakira abaza gushikiriza ivyo babonye,agasaba kandi ko inzego z’igihugu zokorana n’amakungu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.