Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue Iteka : Abantu 9 barishwe, 4 baranyuruzwa mu kiringo c’indwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ligue Iteka : Abantu 9 barishwe, 4 baranyuruzwa mu kiringo c’indwi (...)

Ligue Iteka : Abantu 9 barishwe, 4 baranyuruzwa mu kiringo c’indwi imwe

mercredi 14 Ruheshi 2017

Nkuko biri mu cegeranyo ishirahamwe Ligue ITEKA risohora uko indwi iheze,abantu barenga 84 barahagaritswe hadakurikijwe amategeko, abakenyezi 3 nabo bafatwa ku nguvu.

Muri ico cegeranyo Jean Baptiste NSABIMANA umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Ligue ITEKA amenyesha kandi ko ibiziga bitari bike vyatowe mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Jean Baptiste NSABIMANA avuga ko abanywanyi b’imigambwe itavugarumwe na Reta babandanya guhohoterwa,na cane cane abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA, hamwe n’abanywanyi b’umugambwe MSD.

Umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Ligue ITEKA akavuga ko abakora ayo mabi ari urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi,abasirikare n’abapolisi bataye umurongo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.