IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mahama : Abarundi ntibabona kumwe umugambi w’ukubaha amafaranga (...)

Mahama : Abarundi ntibabona kumwe umugambi w’ukubaha amafaranga y’ugusuma

vendredi 28 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe ubushikiranganji bujejwe kwitaho impunzi mu gihugu c’Urwanda bubandanya umugambi wabwo wo guha impunzi ziri mu Rwanda amafaranga aho guhabwa ivyo kurya, Abarundi bari mw’ikambi ya Mahama bo ntibashima uwo mugambi, kuko bemeza ko batanguye guhabwa amafaranga vyozana intureka mu miryango.

Umugambi wo guha amafaranga impunzi zikihitiramwo ivyo zisuma waramaze gutanguzwa mu zindi kambi zirimwo nk’iya Nyabiheke isanzwe ibamwo abanye-Congo . Ku kwezi umuntu wese mu bari mw’ikambi y’impunzi ahabwa amafaranga agera ku 6300 vy’amanyarwanda.

Bamwe mu Barundi bari mw’ikambi ya Mahama baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bagaragaje impungenge z’ibibazo bikomeye vyokwibonekeza, birimwo n’indyane n’intureka, mu gihe uwo mugambi wotanguzwa muri iyo kambi.

M. A ni umurundi aba mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama. Yavuze ko kubaha amafaranga batavyipfuza kuko hari bamwe muribo bohindukira bakaja kwigurira inzoga cangwa bakayonona mu kuyasesagurira mu bidakenewe.

Yagize ati : "Amafaranga arakenewe nivyo, nkanje ndayashaka ariko benshi ntibavyifuza kuko hari uwo boyaha akayakoresha nabi, aho kuja kugura ivyo kurya, akaja kwinywera inzoga.”

B. N nawe yamiriye kure ivyo guhabwa amafaranga, avuga ko hari abasanzwe bagirana ukutumvikana, bapfa ko umwe mu bagize umuryango yagiye kugurisha ibigori n’ibiharage bahawe, kugira aje mu kabare.

JPEG - 250.5 ko
Bamwe mu mpunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Mahama

Umushikiranganji w’Urwanda ajejwe impunzi, Mukantabana Seraphine, avuga ko gutanga amafaranga ku mpunzi bigamije gutuma ibibazo vyo guhindurirwa indya bikunze kugaragara bikemuka.

Yagize ati : ”Turashaka kugira ngo impunzi nk’abantu nkawe nanjye na bo bashobore kwigenera uko ubuzima bwabo bwagenda. Ni muri urwo rwego mubona ko mu nkambi zimwe twatangiye kubaha amafaranga kugira ngo bashobore kwigenera ifunguro ryabo, biriya bibazo bafite byo kuvuga ngo muduhindurire indyo na byo bizakemuka kuko bazashobora kwigurira icyo bashaka.”

Uretse kubaha amafaranga yo kugura ibiribwa, umushikiranganji Mukantabana yavuze ko bari no kuraba uburyo babaha n’ayandi mafaranga yobafasha gukora imirimo ibazanira inyungu, bagashobora kwironkera n’ibindi bakeneye.


IGIHE

Messages

  • Ehhhh.. mujeri.com nizitahe iwabo hari amahoro aho kwirwa zibundabunda.

  • RUGERO WUZUYE AMAMVYIMUMUTWE

  • Amahoro barundi,barundikazi dusangiye umugisha utangwa n’Imana!!!!!!!
    Nimuze duce bugufi imbere y’Imana mushobora vyose iduhe kumenya kwitonda munvugo no mungiro zacu.Kugeza unomunsi,abarundi barihanze yigihugu nabari mugihugu nyene biragoye gutegera ivyo turimwo twese dutanako ishavu nka ADAMU na EVA.Abari mu buhungiro nabo biragoye kubategera kubera amategeko namananiza baguma bashira kubajejwe kubafsha.Ex:Bati babahe amahera mukibanza cinfungurwa bati oya,baba bwire kubatwara mubindi bihugu bati ntidushaka kujayo,none ico ntategera twaje gutanga amategeko mubihugu vyaduhaye indaro,canke twaje kubasaba protéction kuko umutekano wacu wari ubangamiwe?Hari bamwe munvugo zabo womengo ntakintu baje bahunga.kuko umuntu yahunze afise ico ahunga ntaheza ngo ategeke abo yaje gusaba ubuhungiro;iyo bashize niyo ashira.Abarero badashaka kugamburuka imigambi nivyemezo bifatwa nibihugu biduhaye indaro nobasaba gusubira mugihugu cabo baka tureka twebwe dufise ibibazo tugakurikiza impanuro duhabwa.Ikindi naco muvugira abantu mukivunga nkuko womengo mufise ikibazo kimwe hanyuma mugaca mwiyemeza kucishurira hamwe kandi mutabanje kutubaza twese.Ex;Abavuye i BUJUMBURA -Bubanza;Gitega-Karuzi:Muyinga-Kirundo;Ruyigi-Cankuzo,Bururi-Makamba:Ngozi-Kayanza; nahandi mumihingo yose itandukanye y’Igihugu cacu c’UBURUNDI,mubajije umwe,umwe muzosanga umwe wese afise icamuteye guhunga.Mureke rero kuvugira abatabatumye umwe wese niyivugire kugiti ciwe none nkumuntu adashobora gusubira mugihugu wunva yoreka gukora ivyo bamubwiye gute?Je nibaza ko vyoba bivurwa nabariya birirwa barisubirira i Burundi bongera bigarukira ukuri kwamye,bameze nkabibereye muma vacance gusa mukindi gihugu none nkumuntu aja i burundi akagaruka yobesha abantu ko yahunze?Niguki ajayo hama akigarukira mumahoro atamuntu amukakaje? nkanje kuva mpunze ntarashobora noguhonyoza ikirenge kubutaka bwi Burundi wunva noreka kwemera ingingo zose zifatwa nabariko baranfasha?

  • Abo barundi birigwa bateregw intete nkinkoko kandi batay amatongo yabo nibo buzuy amavyi mumitwe

  • Izo mujeri ntazo twifuza murwanda. Zirwa zisabiriza ziratwangiriza igihugu.

  • Ivyonukur Vyaribikwiyeko Baduha Amafaranga Namakeya Kuko Impunzikenera Vyishi Ikaburicoyikorako.Nacanecane Nkabavyeyibafise Abana, Abanyeshuri, Barakenera Utuntutwishi. Kubanyeshuri Barakenera Nkamavutayokwisiga,uniforme Ikenegwakugirigwisuku Misiyose (Isabune), Crogati Nibindi, Ivyomubidufashije Muzobamukoze Kuko Ubuhungiro Buragoye. Murakoze.

  • Ariko jewe mbona arivyovyiza kuduha amahera kuko vyanatworohera kutarinda kuguza ivyotwateze igihe abantubaraho baje gutoza kagatererano bita ngonako gukubita uburundi.

  • Irizina mujeri uwabizanye ngo ni perezida! Ariko irizina niryo muzozira umuntu yigeze aba mujeri ryari? Rindira tuzobaha insiguro yaryo kndi muzicuza bitagikunze.

  • Nje ngiye kwitahira iwacu i Burundi kuko ubu hatekanye.

  • izo mujeri zizatuvire mu gihugu zirirwa ziba mu mirima yacu ndetse zizaduterera Umwaku igihugu kubera ubusambanyi zihoramo ikindi navuga nuko mujeri zigiye kwicwa ni nzara kubera ayo mahera bagiye kujya baziha ari macye cyane ibaze amafaranga 6300frw niba yatunga umuntu ukwezi kose hahahah mujeri kbsa nukuzisabira ku mana kuko ndabona zigiye kwicwa ni nzara namwe mwibaze niba ayo mafaranga zizahabwa azazitunga amafaranga 6300frw ku kwezi mu Rwanda ibiribwa birahenze cyane ifu yu bugali ni 500frw 1kg.... hanyuma 1kg yu muceli ni amafaranga 1000frw 1kg yi birayi na mafaranga 400frw naho 1kg hanyuma 1kg yi bitoki na mafaranga 350frw ibishyimbo 1kg na mafaranga 600frw yewe mujeri murapfuye ubu amafaranga muzahabwa azashirira mu nzoga

  • twe abanyarwanda turambiwe abitwa ko ari mpunzi ziriwa zitwibira inka reka ziriya mpunzi za barundi tumaze kuzihaga kubera kwiyemera ndetse birirwa basabiriz a turambiwe uburaya bwi munzi za barundi aho indaya imwe igura amafaranga 200frw bazadukurire ubusambanyi mu gihugu cyacu cya mata nu buki erega abarundi muri mahama tuzabirukana mugenda mu bindi bihugu twe abanyarwanda twarahaze ubundi mwahunze iki ko iwanyu hari amahoro reka turabamaganye murimo muratuma igihugu cyacu kizamo ibibazo byi nzara kubera leta ishyira imbaraga mu kwita kurizo mpunzi zitazi no gukora zibaho zicaye reka na mpunzi za barundi tugishaka mu gihugu cyacu erega twabonye ububwi bwanyu muri 94 aba Forodebu uburyo bitwaye twarabibonye impunzi za Barundi zari mu Rwanda zishe abantu namwe turabamaganye nubundi mwavuye iwanyu mumaze kwica abantu mwaratwikaga mu mapine igihe mwari mu migumuko

  • reka leta yacu izirukane zino mujeri zitaradutema nkuko zasize iwabo zishe abantu mu migumuko zirirwaga zica abantu zikabata mu byobo biri ku mutakura kbsa izi mujeri bazazirukane mu gihugu cyacu zitazagitera umwaku

  • Izo mujeri zidakora ntazo dukeneye. Zirwa zanitse amazuru gusa zasamye isazi zigwa mukanywa.

  • ubundi izi mpunzi twrazirambiwe sitwe tuzabona zituviriyre mu gihugu

  • Jew Nk’umurundi Ari Mu Gihugu Imber Mbona Umuti W’ibibaz Atar Ukubaha Amafaranga Cank Kubah Ivyokurya Ahubw Umuti Mbona Nuko Botaha Mu Gihugu Cabo Tugafashany Mu Kucubaka Ub Amahor Ni Yosë.

  • Ariko usibye ubwenge buke aba barundi bahunze iki koko. Ubwo se bazi ko ubuhungiro buryoha??!! Bihorere akanyaro bafite kazashira nibamara kugeza kumyaka 5 mubuhungiro. Barashutswe nuko nabo bashyira amazuru imbere ngo barahunga. None ko ari abanebwe badakora bumva baba mu rwanda imyaka ingahe?

  • reka mujeli zizatuire mu gihugu zitazadutema nka kume impunzi za barundi zatemye abantu mu 1994 rwose izi mujeri bazikure mu gihugu cyacu bazohereze mu bindi bihugu

  • Ntibogaruk bakubak igihugu?nayahand barahona wogorw ukagorerw iwanyu

  • Ndaramukije abobarundi benewacu batuye ngaho mwikambi yimahama. Jew vrm nagombanshigikire iciyunviro umutama NZEYI ashikirije koko Bose ntibahunze ingorane zimwe kuko harinkabo usanga bahunze, umutekano Muke wabo, abahunze ikigoyi, abahunze amadeni yabandi, abahunze inryane zamatongo, abahunze agashomeri nibindi.
    Jew rero nosabako nkumurundi ataco yiyagiriza atakimwagira nsimbona ico aringaho akora kuko uburundi bwose ubu umutekano niwose , Jew natashe bantera ubwoba ariko mbona abahutu,abatutsi nabatwa twisangirira akabisi nagahiye .kandi nagomba nkebure abobaguma bavugango bamujeri iyonvugo nsinziza cane kuko nyamba barahenzwe bagategwa ubwoba nabifitiye urukiza kumpunzi zihunga kuko mudahunze hariho abo akazi koba gaheze aricogituma atawuzobabwirango mutahe kuko akazi koba gaheze bobo bifuzako mwogwira kugirango abakozi babo biyongere. Donc, ca ubwenge muboneko abazungu atarukiza badushakirira.muzobibona nkumusi urwanda nuburundi vyogwana maze abarusiya nabashinwa bagatabara uburundi America nayo igatabara urwanda maze bagakoresha vyabibombe bisenya umugabane wose nihomuzobonako twahenzwe, ntatandukaniro ririho kumurundi canke umunyagwanda kuko dusangiye imico akaranga nururimi kandi kubwivyo ndazinezako vuba cane
    Uburundi nurwanda bizosenyera kumugozi umwe maze ayomakungu ariko arabateranya azorya invumba. Abarundi nabanyagwanda turavukana .

    Abobenewacu abahunze nibatahe twubake uburundi hanyuma abafise icobiyagiriza nkabamwe basize bateye imigumuko basabe imbabazi base twubske igihugu kuko nitwacocona nitwebwe tuzomaramazwa nokukibamwo ari umusaka. NATO nitwashaka kwisamburirsko abazodutiza imihoro ntituzobabura ariko iherezoyavyose nukuzokwicuza!

  • NONE.ABOBANTU.NTIBUMVA.AHUBWO.BAZOKUMVA.BABATOBAGUYE.BATASHE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.