Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Maramvya : Urwaruka rwemeye ko rugiye hamwe rushobora kwiteza (...)
Maramvya : Urwaruka rwemeye ko rugiye hamwe rushobora kwiteza imbere
lundi 19 mars 2018
Urwo rwaruka rumenyesha ko rwagiye hamwe rugashinga umurwi rwise “TWITEZIMBERE”,rutangura umugambi wo kuziganya no kuguranana, aho mbere rwanamenyesheje ivyo rwakoze mu myaka iheze mu migambi yo kwiteza imbere.
NIYIBIZI Dorcas umwe muri urwo rwaruka yavuze ati :” Mu mwaka uheze twari twagiye hamwe turafyatura amatafari atari make, naho tutungutse nk’uko twari tuvyiteze, ubu naho twaratanguje umugambi wo kuziganya no kuguranana kandi turavyizeye ko ata ntambamyi, dutegerezwa gutera imbere.”
NIYIBIZI Dorcas yarongeyeko avuga ko bafise icivugo kivuga giti :“Turwize umwimbu, akazi n’umwizero”, kandi ko ari muri uwo mwizero wabo bakeneye abagiraneza baza kuraba imigambi yabo yo kwiteza imbere bibaye ngombwa bakabafasha.
umukuru w’ishirahamwe ryiyemeje kugarukira ku bahuye n’ivyago RECOVI, GAHUNGU Cyriaque ,yari yagendeye umurwi TWITEZIMBERE kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Ntwarante 2018,yabateye intege mu kubaha bimwe muvyo yari yabemereye, yongera yiyemeza ko ishirahamwe arongoye rizokwama ribafata mu mugongo mu migambi yo kwiteza imbere.
Oscar NDAYISHIMIYE