IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Martin NIVYABANDI : "Icegeranyo gishikirizwa i Geneve ntigikenewe"

Martin NIVYABANDI : "Icegeranyo gishikirizwa i Geneve ntigikenewe"

mercredi 14 Ruheshi 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017,umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko umurwi washizweho ngo utange icegeranyo ca kabiri ku Burundi udakenewe ugereranije n’ivyashikirijwe n’umurwi wa mbere wa EINUB.

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko icegeranyo cashikirijwe na EINUB ari icegeranyo gihengamye kandi hinyegeje inyuma yaco imvo za politike,kandi intumbero yaco y’ukuri ari ukurondera ibishoboka vyose kugira baronke uko bagiriza abari mu nzego za Reta ko aribo bahungabanije agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo,umushikiranganji Martin NIVYABANDI yavuze ko Reta y’Uburundi yiyemeje gukorana n’urwego urwarirwo rwose,ariko rwoza rwubahiriza ubwigenge bw’Uburundi.

Umushikiranganji yavuze kandi ko Reta yemera kubandanya gukorana n’umurwi uwariwo wose,ariko uwo murwi woza wubahiriza ubwigenge bw’igihugu c’Uburundi.

Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yiyemeje kubandanya yubahiriza agateka ka zina muntu aho hose bikenewe mu makungu, ariko hubahirijwe ubwigenge bw’igihugu n’imico y’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.