Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Mu bagize umurwi CVR harimwo abadashaka ko ibikorwa bitera imbere" - (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > "Mu bagize umurwi CVR harimwo abadashaka ko ibikorwa bitera imbere" - (...)

"Mu bagize umurwi CVR harimwo abadashaka ko ibikorwa bitera imbere" - CIRID

jeudi 24 Myandagaro 2017

Deo HAKIZIMANA arongoye ikigo CIRID amenyesha ko kuva ikigo arongoye gitanguye gukorana n’umurwi CVR hari abagumye bababuragiza gushika no ku rwego rwo kugara aho bari basanzwe bakorera mu nyubakwa zikoreramwo umurwi CVR.

Deo HAKIZIMANA avuga ko mu bagize umurwi CVR harimwo abadashaka ko igikorwa kiriko gikorwa n’uwuwurongoye Musenyeri Jean Louis NAHIMANA gitera imbere. Umukuru w’ishirahamwe CIRID ntashima kuvuga abo badashaka ko CVR ibandanya ibikorwa.

Ntiturashobora kuronka abajejwe kumenyesha amakuru mu murwi CVR.

JPEG - 103.8 ko
Deo HAKIZIMANA,arongoye ikigo CIRID

Umukuru w’ikigo gishira cishinze guteza imbere ibiganiro CIRID akavuga ko mu gihe igikorwa c’umurwi CVR kitoshika ku ntumbero, igihugu cose coba gihomvye kandi n’iyindi mirwi iri mu gihugu yoba igize uruhombo.

Deo HAKIZIMANA akemeza ko umurwi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi ariwo uzotanga umuco ku vyabaye mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.