Accueil > Amakuru > umutekano > ’’ Mu gihe c’amatora hamye havugwa ibihuha’’-Pierre NKURIKIYE
’’ Mu gihe c’amatora hamye havugwa ibihuha’’-Pierre NKURIKIYE
mercredi 9 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, amenyesha ko ata na rimwe inzego zijejwe gutohoza zabonye ko kunyuruza abana vyabaye mu Burundi.
Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, avuga ko ivyabaye ari ubugizi bwa nabi busanzwe buva ku rwangara rw’abavyeyi, aho usanga bamwe muri abo bavyeyi batuma abana bato bagaca bazimira, canke bakabasiga ku mwugaro bagaca baja gutembera bakazimira.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko ibiriko biravugwa muri iki gihe ari ibihuha bisanzwe bimenyererewe, kuko mu gihe cose c’amatora vyamye vyibonekeza, bifise intumbero zitandukanye.
- Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza
Ati :« Mu gihe cose c’amatora hama haduka igihuha gitera ubwoba abanyagihug. Amatora yose yama azanana n’igihuha, gica ivutu abanyagihugu, ababizana bafise intumbero yo guhungabanya umutekano canke izindi mvo za poritike. »
Pierre NKURIKIYE asaba abantu ko borema, bagatekana kandi bagakora ibikorwa vyabo mu mutekano, kuko ata murwi uhari unyuruza abana, ata n’umuntu arafatwa yanyuruje umwana amujana mu bintu vy’ibintazi.
Ahamagarira abavyeyi kurikanura kuko hari abatitaho abana babo, akabasaba kandi gusubira kw’ibanga ryabo ryo kwitaba abana.
MUGISHA Van Naris
Messages
9 mai 2018, 19:44, par ndemeyimana dieudonne
turamenyereye mugihe camatora baz badutera ubwoba ariko ntabwoba tukira kuko twarajijitse.
13 mai 2018, 19:31, par karikurubu
ewan ntabwob kwer nkurunziz mutam komez turinyuma yaw mutam
15 mai 2018, 09:34, par Nzokirantevye p claver
abanyagihugu bi buganda borema,maze le17/5baje kwiyemereza kamarampaka.kuk idyo nitera bwoba