IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu giporisi barasiguye igituma bamwe mu ndongozi bahinduwe

Mu giporisi barasiguye igituma bamwe mu ndongozi bahinduwe

vendredi 4 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza kandi ko inyuma y’abo bahinduwe, hagiye gusohoka n’ayandi mategeko y’umugenduzi mukuru w’igiporisi, aho hose akaba ari mu gushira mu ngiro iryo tegeko rishasha rigenga igiporisi nk’uko vyemezwa n’uwo avugira igiporisi aho agira ati :

"Nta cahindutse kinini uretse nka batatu canke bane, twovuga nk’uyu atwara igiporisi kijejwe umutekano wo mu mabarabara, uwahora atwara igiporisi kijejwe gukingira urwaruka n’imico kama, igiporisi kijejwe gutabara n’ingoga aho abantu bagumutse, n’igiporisi kijejwe kurwanya iterabwoba. Uretse nk’abo, abandi bagarutse ari nka babandi. Ni ugushira mu ngiro iryo tegeko rishasha rigenga urwego rw’igiporisi."

JPEG - 85.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Petero NKURIKIYE avuga ko benshi mu bagenwe ari abari basanzwe bari muri ayo mabanga.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.